Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Murakoze yamaze imicungwe yo kwa patiri - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Murakoze yamaze imicungwe yo kwa patiri

Murakoze yamaze imicungwe yo kwa patiri

mardi 12 Ruhuhuma 2013

Burya muri ubu buzima bwa minsi yose hariho ikintu abantu benshi badaha agaciro canke batitwararika ico rero ntakindi ni ukumenya gushimira uwakugiriye neza kuko burya gushima n’isoko yo kongerwa.

Aba bana rero bo batahuye iryo banga nuko rimwe bariko batambuka bava kw’ ishure baca k’umupatiri yari ahagaze hafi y’ibiti vy’imicungwe aho mu kigo cabo, niko kubwira padiri bati patiri mwoduha ku micungwe patiri nawe ati :«Ego nivyo bakristu bavandimwe.» Araheza abamanurira imicungwe arabahereza.

Ba bana niko guterera rimwe bashimira patiri bati murakoze cane patiri wacu Yezu abahezagire cane, patiri nawe ati :«Ego bakristu banje muzi gushima murakwiye kwongerwa.»

Patiri abamanurira iyindi micungwe ,abana bati:« Murakoze cane Imana data n’Imana mwana na mutima mweranda n’umuvyeyi Bikiramariya babahe umuhezagiro cane.» Patiri ati:« Mbega abana beza bazi gushima murakwiye kwongerwa nukuri kwose.» Aho patiri abongera imicungwe.

Abana bamaze kubona ko patiri akunda cane abamushimira nabo bakoze barondeye uburyo bwose bwo gushima barabukoresha bati:« muvyeyi mwiza urakagira abana n’amafaranga, uragatunga utunganirwe uyobokwe na bose.» Maze patiri nawe arabaha imicungwe kugeza n’aho imicungwe ihera ku giti.

Nawe rero uzokwame wibuka gushimira uwakugiriye neza, mbere aho kumara igihe kinini uriko urasaba womara igihe kinini uriko urashima kuko vyongereza imigisha yo kwongerwa uretse ko ngo n’Imana mu bintu vya mbere ikunda ikunda cane abantu iha maze bakibuka kuyishimira.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.