IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Muramvya : Abanyeshure batanu bagirizwa gutuka umukuru w’igihugu (...)

Muramvya : Abanyeshure batanu bagirizwa gutuka umukuru w’igihugu barekuwe

jeudi 4 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Abanyeshure batanu bo kw’ishure ryisumbuye rya Muramvya bahora bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Muramvya barekuwe. Mu munyororo hasigayeyo babiri baserukira abandi. Abo barekuwe bahora bagirizwa ugutuka umukuru w’igihugu.

Ico caha bacagirijwe inyuma y’aho isanamu y’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA iri mu bitabu bakoresha isibanganijwe. Abanyeshure barekuwe ni Fleury Niyonsaba, Avit Ndayizeye, Darlène Dusabumukama, Alice Irakoze hamwe na Ismaïl Ndorimana

Mu munyororo hasigayeyo abanyeshure babiri aribo Alexis Mugerowimana asanzwe ariwe aserukira abanyeshure bo kw’ishure ryisumbuye rya Muramvya, hamwe na Parfait Irankunda, icegera ciwe.

Inama nshingamateka y’Uburundi yaheruka gusabiye ikigongwe abanyeshure bo mu mihingo itandukanye bapfunzwe bagirizwa ugusibanganya isanamu y’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.

Umugwi wamaho mu nama shingamateka y’Uburundi, ujejwe ibibazo vy’indero wavuze ko mu matohoza wakoze, wasanze ata na kimwe cerekana neza ko abo banyeshure bo mu myaka y’umunani n’icenda bapfunzwe aribo vy’ukuri basibanganije iyo sanamu.

Abashingamateka bose bafashe ijambo bahurije ku kigongwe cohabwa abo banyeshure bariko barakurikiranwa n’ubutungane, abamaze guciribwa imanza bapfunzwe nabo bakarekurwa.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.