IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Muramvya: Abanyeshuri barenga 1800 barahevye amashuri

Muramvya: Abanyeshuri barenga 1800 barahevye amashuri

lundi 18 Ruhuhuma 2013

Kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 18 ruhuhuma umwaka w’2013, umuyobozi w’indero mu ntara ya Muramvya yamenyesheje ko abana bagera 1810 biga mu mashuri y’intango nibo bamaze kumenyekana ko bamaze guheba amashuri mu gice cambere c’uyu mwaka w’ishuri 2012-2013.

Icatumye abo banyeshuri baheba vyatewe n’ubukene hamwe no kutamenya kw’abavyeyi babo ku vyerekeye akamaro k’amashuri hamwe no gushingiza abana b’abakobwa bakiri bato bataragera.

Umuyobozi w’indero mu ntara ya Muramvya asaba abarongozi b’ayo mashuri gushira inguvu no kurwanya ivyo bituma abana bava mu mashuri.


Grace Irimbere

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.