IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Muramvya : Abanyororo 158 bahawe umwidegemvyo abandi 45 baratezurirwa

Muramvya : Abanyororo 158 bahawe umwidegemvyo abandi 45 baratezurirwa

mardi 15 Ntwarante 2016, par egide

Abanyororo bagera kw’158 bahora bapfungiwe mw’ibohero rikuru ry’i Muramvya nibo bagiye kurekurwa, abandi nabo bagera kuri 45 bagabanirizwe ibihano bahawe.
Umushikiranganji w’ubutungane akamenyesha ko ari mu ntumbero y’ugushira mu ngiro ingingo y’umukuru w’igihugu.

Aimé Laurentine KANYANA, umushikiranganji w’ubutungane, aho yagendera ibohero rya Muramvya kuri uwu wa mbere yamenyesheje ko iyo ngingo y’ukurekura bamwe mu banyororo, abandi nabo bagatezurirwa ifashwe mu gushira mu ngiro itegeko ry’umukuru riheruka gufatwa ry’ikigongwe ku mice imwe imwe y’abanyororo.

Aho nyene mu ntara ya Muramvya kuri uwu wa mbere, sentare nkuru yarashashe mu rubanza rw’urwaruka 55 rwahagaritswe kw’igenekerezo rya 17 Ndamukiza 2015 mu gisagara ca Bujumbura, rwagirizwa ko rwari mu migumuko, mu gihe rwafashwe ruri mu myiyerekano y’ukwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero NKURUNZIZA.

Muri abo bumvirijwe, 41 muribo baratezuriwe, bahabwa umyidegemvyo w’agateganyo, bakazoza baritaba ubutungane batavuye mw’ibohero. Abasigaye muri abo 55 (abagera kuri 14) bakaba bafatiwe ingingo y’ukugumizwa mu munyororo.


IGIHE

Messages

  • LEKURA IZONTAMA ZIGIRE AMAREMBE!

  • Ndanezerewekunuaabobantubarekuweahubwobizohoreukomurakoze

  • mumefanya vizuri kabisa mubandanye muja no muyandi mabohero abo muzosanga atakibagira barekugwe abazokwagirwa nicaha bahanwe hama ikindi nagomba mpanure abantu baguma bavuga ngo ubutegetsi bwa p.nkurunziza ngo buratwishe ngwi bi nibi nibi je ndacari muto ariko ivyaporitike mbonye canke nunvise sibike uhereye ngo muri za 1962 ,1972 ,1993, ni yindi myaka ntazi ejo bundi kuri buyoya sinabona abantu bakeregwa nkimpene amarira ariyose mubantu nabo mushaka ko babatwara ejo nibaza muzonsanga arukwo abaja mubarabara rero mukomeze utunono ibimubona bizokwamaho mpaka yesu aje nimba abanyeporitike mutabazi

  • Ndipfuza kubona umusi umwe abantu bose batwaye uburundi bagakoresha agahotoro barenganya abantu bitwaje ububasha bahabwa n’ubuzi, nkabona bafashwe bose, bari imbere y’ubutungane kiretse abemeye kwihana bakabireka!
    Vyoba vyiza cane abantu bose bakamenya yuko ukora inabi ikaguherekeza wakora ineza ukayisanga imbere.

  • Ntakamaro kokurekura kamwe kamwe nimubarekure Bose uko bangana kuko abobapfunzwe bazira guhagararira amategeko yigihugu cabo kugira ntahonyangwe ahubwo niba mwemera komuri abacamanza Koko nimurengutse vyihuta nkurunziza nakarwi barikumwe kuko nibo bahemukiye igihugu muguhonyanga amategeko yigihugu cacu nomukwicira abantu ubusa ubutungane haragezeko mwisubiza umutama kuko ivyo mutabigize amasentare yabazungu azovyigirira nimurekure izonpfungwa zoze atanakimwe kirinze gusabwa kandi ntimuzirekure kwizina ryumukuru wigihugu kuko uburundi ntamukuru wigihugu bufise gushikubu

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.