IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Muramvya : Ibitabu 715 nivyo vyibwe n’abantu bataramenyekana

Muramvya : Ibitabu 715 nivyo vyibwe n’abantu bataramenyekana

jeudi 26 Ruheshi 2014

Ibikoresho birimwo ibitabu n’imfungurwa zigenewe abanyeshure bo mu ntara ya Muramvya vyibwe n’akarwi k’abantu bataramenyekana kugeza ubu.

Nk’uko aya makuru ava mu ntara ya Muramvya abimenyesha, ibitabu bigera ku majana indwi na cumi na bitanu nivyo vyibwe n’abo bantu, bongera batwarana ibiro ijana vy’ibiharage, inzugi zibiri z’ivyuma n’ibendera ry’igihugu. Abo basuma bakaba bivye ivyo babanje kubomora urugi rwari rwugaye inyubakwa ivyobikoresho vyose vyarimwo.

Bivugwa ko amatohoza aja yamaze gutangura, ko abanyezamu bagera kuri bane bari bacungereye ahabereye ubwo busuma ubu bari mu minwe y’ubutungane ku mvo z’amatohoza. Mwomenya ko iyo ntara ya Muramvya iri mu zindi ntara abanyeshure basanzwe badakwije ibitabu bikoreshwa n’abanyeshure haba ivyo gusoma, eka ndetse n’ivy’imyimenyerezo.


Aristide Nizigire.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.