Accueil > Amakuru > Amashuri > Muramvya : Ibitabu 715 nivyo vyibwe n’abantu bataramenyekana
Muramvya : Ibitabu 715 nivyo vyibwe n’abantu bataramenyekana
jeudi 26 Ruheshi 2014
Ibikoresho birimwo ibitabu n’imfungurwa zigenewe abanyeshure bo mu ntara ya Muramvya vyibwe n’akarwi k’abantu bataramenyekana kugeza ubu.
Nk’uko aya makuru ava mu ntara ya Muramvya abimenyesha, ibitabu bigera ku majana indwi na cumi na bitanu nivyo vyibwe n’abo bantu, bongera batwarana ibiro ijana vy’ibiharage, inzugi zibiri z’ivyuma n’ibendera ry’igihugu. Abo basuma bakaba bivye ivyo babanje kubomora urugi rwari rwugaye inyubakwa ivyobikoresho vyose vyarimwo.
Bivugwa ko amatohoza aja yamaze gutangura, ko abanyezamu bagera kuri bane bari bacungereye ahabereye ubwo busuma ubu bari mu minwe y’ubutungane ku mvo z’amatohoza. Mwomenya ko iyo ntara ya Muramvya iri mu zindi ntara abanyeshure basanzwe badakwije ibitabu bikoreshwa n’abanyeshure haba ivyo gusoma, eka ndetse n’ivy’imyimenyerezo.
Aristide Nizigire.