IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Muramvya : Igiporisi kimenyesha ko abishe umusore w’imyaka 20 (...)

Muramvya : Igiporisi kimenyesha ko abishe umusore w’imyaka 20 bazofatwa

mardi 31 Kigarama 2013

Amatohoza ku bishe umusore yagendesha ipikipiki mu gisagara ca Muramvya arabandanya, ndetse bikavugwa ko, abashika batatu ubu boba bafashwe bari mu minwe y’inyamiramabi.

Ivyo rero bikaba bivuzwe mu gihe uyo musore yanizwe ku wa 17 Kigarama atwaye umuntu kw’ipikipiki amujanye muri zone ya Shombo yo muri komine ya Muramvya, ariko guca anyuruzwa nk’uko amakuru ava mu muryango w’uyo yishwe abimenyesha, akaba yaciye atorwa ku munsi w’ejo igenekerezo rya 30 Kigarama uyu mwaka, aho yari amaze iminsi ari mw’ishamba.

Urupfu rw’uyo musore w’imyaka 20 rukaba rwababaje abatari bake, mu gihe yishwe ariko arondera ubuzima, aho ndetse n’iyo pikipiki yaciye yibwa. Mu giporisi i Muramvya bakaba bamenyesha ko bagiye kubandanya amatohoza kugira abo bose bagize uruhara mw’iyicwa ry’uyo musore, bamenyekane kandi bahanwe hakurikijwe amategeko.

Eka no mu muryango w’umuhisi bakaba basaba ko uwabiciye umwana yomenyekana, kandi bagasaba ko yohanwa bimwe vy’akarorero.


Aristide Nizigire

Messages

  • Ariko ga yemwe tuvahe tuja he, aya maraso ameneka imisi yose, none twabaye udukoko two mw’ishamba turya utundi, ndabona dukwiye kwisubirako. Abantu barakwiye kwigishwa kwubahana, umuntu arye ivyo yabiriye akuya.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.