Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Muri 30 bari mu ndege ntawashoboye kurokoka - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Muri 30 bari mu ndege ntawashoboye kurokoka

Muri 30 bari mu ndege ntawashoboye kurokoka

samedi 30 Munyonyo 2013

Umubabaro ni wose ku miryango y’abanyagihugu bari buyunguruje bakoresheje indege yo mw’ishirahamwe LAM ryo mu gihugu ca Mozambike. Iyo ndege yari ifashe urugendo yerekeza mu gihugu ca Angola yatowe yose yahiye.

Ibisigarira vy’indege yo mu gihugu ca Mozambike yari igiye muri Angola vyatowe mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu ca Namibiya. Mu bantu baharurwa muri mirongo itatu bo mu bihugu bitandukanye bari muri iyo ndege nta n’umwe yashoboye kurokora ubuzima, nk’uko amakuru ava mu giporisi abimenyesha.

Willie Bampton, arongoye igiporisi mu karere ka Okavango yamenyesheje umurwi w’abaporisi bagiye gutabara aho iyo ndege yakoroka igaca isha, bahasanze ibisigarira vyonyene, abari muriyo bose atawukiri muzima.

Mu giporisi bamenyesha ko babandanya kurondera ibiranga abo banyagihugu bari muri ndege kugira imiryango yabo ishobore kumenya aho yoronderera ibisigarira vy’abantu bayo baguye muri iryo sanganya.


Egide Nduwimana

Messages

  • Birababaje. Turabahojeje abo bene wacu. Ariko ndi n’ubwoba ko impanuka yabubiriye ntibaronka akanya ko kwiyegereza Uhoraho. Uhoraho abakire abari bitunganije. Nta kundi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.