Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Centrafrika: Abacukura ubutare baremeye ko bashigikiye abarwanyi ba (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Centrafrika: Abacukura ubutare baremeye ko bashigikiye abarwanyi ba (...)

Centrafrika: Abacukura ubutare baremeye ko bashigikiye abarwanyi ba Seleka

mercredi 10 Ndamukiza 2013

Mu 1981,ubutare bwo muri Bokossa buri muvyatumye valery Giscard d’Estaing ava k’ubutegetsi.Muri uno mwaka, ubutaka buri mu Republika ya Centrafrika nabwo nyene buri muvyatumye haba itembagazwa rya Francois Bozize.

Rimwe na rimwe mu buzima,hari igihe umuntu agira umutima w’inzikira ukomeye kurusha mbere n’inzahabu.Tubifatiyeko,mu 2008,ubutare,amahera yegeranijwe,n’amabiro agura ubwo butare,vyaratumye Francois Bozize agira abansi benshi.

Inyuma y’imyaka itanu ihaciye ivyo vyose bitarasubira mu butungane , Victor Kombot Naguemon,umwe mubajejwe akarere k’ubwo butare, aho mbere ariwe ajejewe amabanga y’ubuhanuzi nshikiranganji mu gisata c’ubutare, ntararekurira Francois Bozize.

Avuga ko ataho vyakabaye aho leta yigarurira ubutunzi butari ubwayo.Agasaba rero ko ubutungane bwokora mu guhana abo bose bagirizwa icaha.

Nimba Victor Kombot Naguemon avuga ko atigeze ashigikira abarwanyi ba Seleka mu kubaha amahera,abandi baremeza badahigimanga ko bashigikiye ibikorwa vy’abahoze ari abarwanyi b’abaroberi.Mbere bamwe muri bo baremeza ko batumwe kuja kugurisha ubutare muri Soudani bwavuye muri Centrafrika.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.