Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Muri Irani bari mu matora y’umukuru w’igihugu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Muri Irani bari mu matora y’umukuru w’igihugu

Muri Irani bari mu matora y’umukuru w’igihugu

vendredi 14 Ruheshi 2013

Abanyagihugu bo Irani uyu munsi wa gatanu igenekerezo rya 14 Ruheshi 2013 bazindukiye mu matora y’umukuru w’igihugu azosubirira umukuru w’igihugu Mahmoud Ahmadinejad yasozereye ikiringo ciwe, inyuma y’imyaka umunani ku butegetsi.

Ayatollah Ali Khamenei, yari yasavye abanyagihugu kwitabira ari benshi ayo matora.
Amasaha ibiro vy’amatora vyategerezwa kwugarirwako congerejwe kugira abantu bose bavyifuza bashobore gutora.

Abahiganirwa umwanya w’umukuru w’igihugu bose uko ari 6 bafatwa nk’aho bashigikiye ko ibintu bidahinduka (conservatives/conservateurs) mu gihe abifuza ko ibintu bihinduka batemerewe kwiyamamaza.

Uwuzotsinda ayo matora akaba azohangana n’ibibazo bitoroshe vy’ubutunzi vyugarije igihugu ndetse n’ibihano amahanga yafatiye Irani kubera imigambi yayo yo mu rwego rw’inguvu za nikeleyere (nucleaire).

Ivyavuye mu matora y’umukuru w’igihugu yabaye haraheze imyaka 4 vyatumye abantu benshi bavyiyamiriza mu myiyerekano yahagaritswe hakoreshejwe inguvu nyinshi.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.