Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umurwi wa Academie Tchite wasezeye inkino - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umurwi wa Academie Tchite wasezeye inkino

Umurwi wa Academie Tchite wasezeye inkino

lundi 17 Ruhuhuma 2014

Muri ya mahiganwa y’umupira w’amaguru ahuza imirtwi yabaye iya mbere mu bihugu iwabo, mu rukino rwo gusubiza, umurwi wa Academie Tchite waratanye mu mitwe n’umurwi wa AS Kigali. Urukino rwaheze iyo mirwi inganije ku gitsindo kimwe.

Ikibuga ca Prince Louis Rwagasore cari cuzuye abantu baje ushigikira imirwi ya Academie Tchite w’Uburundi n’umurwi wa AS Kigali w’i Rwanda. Umuhagarikizi avugije ifirimbi yo gutangura urukino, umupira uba uratanguye hari igihe c’isaha 16h 30. Iminota cumi ya mbere y’urukino, umukinyi Jimmy wa AS Kigali yambaye inomero 11 yananiwe kwinjiza mu gihe yarafise amahigwe menshi imbere y’izamu rya Academie, ico gice gica gihera ari ubusa ku bundi «0-0».

Academie Tchite

Igice ca kabiri c’ukino caranzwe no gushaka kwinjiza ku mirwi yose cane cane umurwi wa Academie Tchite, na rirya vyari vyabonetse ko uriko urarushwa mu gice ca mbere. Ku munota wa 7, Patient batazira Chala wo muri Academie Tchite yateye umupira mwiza cane wavyaye igitsindo ca mbere muri urwo rukino. hagumye haboneka ugusatirana gukomeye. Mbaraga Jimmy wa AS Kigali nawe aca aragombora igitsindo ku munota wa 24, igitsindo biboneka ko cavuye ku munyezamu yafashe umupira nabi. Imirwi ica iranganya igitsindo kimwe ku kindi «1-1».

Inyuma yaho, AS Kigali wagumye usatira bidasanzwe. ku munota wa 36, muri ca kibanza mukore umbone «surface de reparation», umukinyi wa AS Kigali yagiriwe ikosa ryavuye «Penalty», naho ataco yaviriyemwo uwo murwi. Urukino ruja kurangira ari igitsindo kimwe ku kindi.

Mwomenyako, muri urwo rukino, umurwi wa Academie Tchite warondera itsinzi y’ibitsindo 2 ku busa kubera uwo murwi wari watsindiwe mu Rwanda. Niko rero kuronka amahirwe ku murwi wa AS Kigali uzoca utana mu miwe n’umurwi w’igihugu ca Soudani, urukino rwa mbere ruzobera muri Soudani.

Mu gihe Academie Tchite yarihejeje gusezera izo nkino, umurwi wa Flambeau de L’Est wari watsinze umurwi Diables Rouges wo mu gihugu ca Congo. Uwo watsinze uzohura n’umurwi w’igihugu ca Cameroun, urukino rwibanze, ruzobera mu gihugu ca Cameroun. Cassa Mbugo amenyereza umurwi wa AS Kigali, yamenyeshejeko agiye gukosora amakosa yabonye kugira bashike kure mu nkino zikwirikira.

Eka na Jimmy Ndizeye amenyereza umurwi wa Academie Tchite nawe avugako yahakuye icirwa ko basubiye kuronka amahigwe batazoyagisha.

Urutonde rw’abakinyi ba Academie Tchite batangujwe mu kibuga :

No 16, Anselme, no 21 Corneille, no 8 Nduba, no 5 Adrien, no 9 Michel, no 23 Patient, no 2 Dieudonne, no 12 Alain, no 16 Kabeya, no 13 Omar, no 14 Muhamud.

Urutonde rw’abakinyi ba AS Kigali batangujwe mu kibuga: no 1 Emery, no 11 Jimmy, no 20 Janvier, no 3 Mwemere, no 5 Patrick, no 6 James, no 8 Kabura Muhmud, no7 Rodrigue Murenzi, no16 Amidou Ndayidaba, no 10 Bado Ndikumana.

AS Kigali

Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.