IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Musaga : Abantu bane bagirizwa ko ari abicanyi bafashwe

Musaga : Abantu bane bagirizwa ko ari abicanyi bafashwe

mercredi 11 Rusama 2016, par egide

Abantu barenga ijana bari bahagaritswe muri zone ya Musaga mu gatondo ko kuri uwu wa gatatu barekuwe, kiretse abagera kuri bane basigaye mu minwe y’abajejwe umutekano. Mu giporisi c’Uburundi basigura ko abo bane batawe muri yompi ari abicanyi bazwi, kandi bari basanzwe baronderwa n’abajejwe umutekano.

Umukuru wa zone Musaga, Antoine Rumenyetso yamenyesheje ko ico gikorwa c’uguhagarika abo bantu cakozwe mu ntumbero y’ukurondera abakora ubwicanyi aho ku Musaga, binyegeje mu banyagihugu. Uwo arongoye iyo zone avuga ko abicanyi bahari muri iyo zone, agatanga uturorero tw’ubwicanyi bumaze iminsi bukorwa muri ako karere.

JPEG - 43.8 ko
OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi

Muri abo bantu barenga ijana bari bafashwe, bane nibo basigaye mu minwe y’igiporisi. OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi asigura ko abo bane bari basanzwe bazwi, kandi bahungabanya umutekano.

Mu gihe mu kuraba abarekurwa bakoresha amakaye y’ingo asanzwe yandikwamwo abanyagihugu, Antoine Rumenyetso, umukuru wa zone Musaga asaba abanyagihugu arongoye kwuzuza ayo makaye, bayashikirize abajejwe intwaro, akibutsa ko amande yategekanijwe kubatazokwubahiriza iyo ngingo.


IGIHE

Messages

  • Tsimbataza umutekano mu gukosora abo bagesera bishinga kuguma bahungabanya umutekano,agataruka mucakira kandi mubahashe ata camira.

  • Ahubwo imana icane baz barafatwa.si non turagow p!!

  • BABA BABAZI KUKO NTABWO BAVA MUKIRERE!AHO ITURIKIYE MUYORA BOSE NIHO BAZOSORANWA ABO BANTU BIYONONERA UMUTEKANO BATUNGA ABICANYI.

  • komezibikogwa . tezimberigihugu .tuzumwasi hashumwasi igihugu gitonganukwe uburundi bwogorore .

  • Nkurunziza N’akarwi Kawe!Murapfa Nabi!Mutegerezwa Kwomoka,mwase Tuzobashira Aho Mwashize Abacu.Les Jeunes Patriotes Turiteguye Kurwana,FOREBU Tegura Ibikoresho Gusa Muce Mudutumako,ino I KARUSI Turiteguye,

  • ok.je banyita CAKIRA abo bari mubafashwe nibafungwe bikenewe inama nshingamateka niyamara gutora igihano co gupfa baze bagikorereko

  • Bicakira pole sana ivugire urahaze abagabo barahari

  • Nimutohozenezaatawe murenganije nimwasa bari mubagumutsi muce mubagira nkuko bagize merikiyoro ndandaye.kudahana mujeri kugwizimisega

  • barundi benewacu nimuze tuvibuzimu tujibuntu twoyeguhisha abatumara kwabacu bakaturaza tudasinziriye.kuko uhishumwasi bwaca akakumarira abawe,umutekano nuwatwese ibibazo navyobizohera twongere tubanamahoro.inzego zumutekano nizacu tuzishigikire kandi dukorane nazo twzerane.nazozihashe umwasi atankunzi .

  • Ewe rumenyetso ndagutwenze aho nukwanka kuvugisha ukuri Ngo bohava bakumena amabinga birazwiko igiporisi imbonerakure igisoda interahamwe vyankurunziza kwaribo birirwa barica abantu kumusaga mugabo urumva ingene utubahuka gukurako umunwa nguvugishukuri kumarorerwa abobicanyi birirwa barakorera abanyagihugu mugabo urabesha nkurunziza nakarwi kiwe nibaruburakigongwe ntiwarusha kwitonesha Adolph ,kararuza,Darius,nabandi mugabo nicababujije Ko nkurunziza abahemba agafuni kandi urucira mukaso rugatwara nyoko

  • IGIKORWA,COGUFATA,ABAHUNGANYA,UMUTEKANO,NTABAGIRAMWO,KUMVO,ZURWANKO,RWABAMWE,NABANDI

  • Ehe.Iyorofa nanitwaragukemyentajambufisenayamuhegusawambwawe tuzokumenagatwesha

  • Birababaje kwumva harabarundi baciyumvira kwitama nkahumenga abotwabuze ntibakwiye!!! Tudatanyekumwikomo igihe abarundi twokwihagaciro tugakundana tukubahana vyogendaneza,erega ntamukuru abura mukuruwe!!!twibukeko uteguyintambara utagiracangombwa nahoguhamba hanini,kuko intambara ntigwizabantu ahubwo irabatwara.duhindurimvugo Nintendo tugiramahoro mumitima yacu nihonigihugu kizoyagira uretsekonubu kiyagise kuko ahotugezentihoroshe sihumwasiyashaka.dushimire IMANA kuvyimaze gukora tuyereke nibisigayenavyo izobikora,karashizingani twisamburireko tutarimpene!!??(oyaaa biragahera muburundi kwacu.)

  • Kubisanzwe Abategetsi Baratugoye Nkubu Abobantu Barfa Ntibibaterisoni

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.