IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Musaga : Amasasu menshi yumvikanye

Musaga : Amasasu menshi yumvikanye

vendredi 16 Gitugutu 2015, par egide

Urwamo rw’amasasu menshi n’amagerenade rwumvikanye mw’ijoro ryo kuri uwu wa kane rishira uwa gatatu, muri zone Musaga, karitiye ya Kinanira. Ivyononekaye ntibiramenyekana.

Abanyagihugu bo muri Kinanira, zone ya Musaga bamenyesha ko amasasu y’ubwa mbere yumvikanye akanya gato, nk’igihe c’isaha zitanu z’ijoro, ariko nk’isaha isaha indwi z’ijoro akaba ariho humvikanye inkoho nyinshi cane zikomakomeye, hamwe n’ama gerenade menshi.

Abo banyagihugu bakaba batashoboye kumenya ico ayo masasu yari avuyeko, hamwe n’abariko bararasana. Ayo masasu yumvikanye ku Musaga inyuma y’iminsi itari mike muri iyo zone hari hamaze hatekanye, kuva aho mu giporisi bavugiye igitero cakozwe ku kirindiro c’abaporisi, umwe mu baporisi agakomereka, nk’uko vyamenyeshejwe na OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi.

Ivyononekaye muri ayo masasu ntibiramenyekana, tukaba tuza kubigarukako mu makuru yacu yo hanyuma.

Messages

  • Mana Tabara Uburundi Nababumwo.Ngo Umutekano Nikirenga Inkoho Ntizisiba Kuvuga.None Ukuri Kurihe?None Barakenyeye Bacuruze Ikinyoma?Ikinyoma Ntanyungu Gitanga.

  • Ntaribi bigume muri ayo ma Karistiye nyene nababwira iki!!

  • TOHOZA MURATUBWI ARIKO NTIMUTUBWIRE IBINYOMA NKIGIPOLISI CICA ABANYAGIHUGU(ABATUTSI) NGO NABANSI

  • Ayo Ma Quartier Tutsi Tuzoyateramwo Ibigazi Kazima Bihaba

  • tugiramahoro nagomba nterakamo abantu baba musaga mutakura cibitoke ngagara,muri 1993 aho imigwi yabahutu yafatibirwanisho igwanira agateka kabo ico gihe abahutu nibo baba nyegeza,bakabagaburira,inyenzi zaza kubarondera zarajaniranya zikica zikiba zigafata kunguvu urunva inyeshamba zaba zagiy nibo bishura namwe rero mwabatutsi mwafash ibigwanisho ngo mugaruk kubutegets muterekany izonyeshamba tuzokongera inguvu zos tuberek KO rutitaha muzohra nkifu yimijira.

  • NIMBA UMUTEKANO BAVUGA URI MUNZU ZABO.WOBISIGURA GUTE KANDI ATAMUSI WIJANA ABANTU BATISHWE!HAA ABO BA POLICE NABONYENE NI DANGER!MWARAMAZE GUCAFUZA IGIHUGU BUT WAIT AND SEE!

  • Hama abapoli bivuna ngo bishe abantu . mbe abahoze mumigumuko bapfuye ko muca mugira ama cometaire meshi ? nomumigumuko mwatsinzwe nubu muzotsindwa . nayo umutekano niwose kiretse mumuji wa buja nahonyene aho bamye bamye bagumuka . nkubu aho mperere abantu barakesha muri boite .

  • Umve mwebwe mwabantu mwe mwandika ivyiyumviro vyanyu, mugire ivyo migira vyose mumenye ko nt’AMAHORO KUBANYAVYAHA rero vyose bizohera kandi iyi si mwayisaanze ngaha muzoyisiga ngaha!

  • abavuga ngamahoro niyose? bararaba ntibahave bibeshera.ntakindi ndengejeko.

  • Nibemere Cabananiye Gutwara

  • Burya tubiravy neza twosana abatutsi aribo batera ivyo bisasu?we wipfuza kwica uwo mututsi ngoniw atera ibisasu,imana irakubona.kagam niw yavuz ngo icompa inguvu zabahutu ikanyima inda zabo.namw mwabahutumw nimw muriko mwisubiraniramwo mupfa izonda zanyu.impanuro nobaha mwobireka.mwumvikan.

  • Ndakeney kumenya intumbero y, iyi journal mubibazo vyuburundi

  • ariko Mana ngo muzokwica abantu nkifu yimijira? urasura kandi ngo muzokwica abatutsi Q3, mutakura, cibitoki, musaga ngo muzobamara muhatere ibigazi muribesha ntawumara ubwoko bw Imana muzobaze abanyarwanda ngo bahonye ubwoko nabo nabigazi bateye ahubwo ababikoze bose bazobagire inama bapfuye bangara babaye ibimaramare ntibagira igihugu nakimwe bicaramo ngo bumve bafise amahoro kandi bwa bwoko bibajije ko bamaze bwikuvye incuro nyinshi muragende murabe uko bimeze ugirango nyuma yo kubica havutse abandi benshi gose baruta abo bishe vyakagomvye kubaha isomo ntawumara ubwoko bw Imana uzi umubare wabo nuwabaremye uzicisha inkota niyo azozira niko bimeze kubikora wese Imana yo irenze ivyihumviro vyaco vyose ni vyifuzo vyacu vyose.

  • muragowe mwica abantu mubahoye ubwoko nta bwoko buriho imbere yimana mumenye twese turabavukana.

  • None Masasu Yobayavuye Kubatavuga Rumwe Nareta

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.