IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Musaga na Kanyosha mu myiyerekano ikivunga

Musaga na Kanyosha mu myiyerekano ikivunga

mercredi 29 Ndamukiza 2015

Abari mu myiyerekano, bariyamiriza amajambo atanguye kuvugwa na bamwe bamwe, ko abari mu myiyerekano ari abatutsi gusa.

Muri komine ya Musaga aho iyo myiyerekano ikaze rwose, abanyagihugu bakaba bavuga ko batageza kuva mw’ibarabara Petero Nkurunziza adahevye ico kiringo ca gatatu. Bavuga ko iyo myiyerekano irimwo bose, abahutu n’abatutsi, kandi kose bariko barwanira ikintu kimwe, iteka ry’Umurundi. Batumenyesheje ko bariko barafashwa ndetse n’abavuye mu misozi ihanamiye iyo komine, eka n’abava mu Kanyosha.

Muri iyo myiyerekano, abaporisi bikaboneka ko batwarwa n’agashavu, bakarasa amasase y’ukuri, ivyaciye bivyura agashavu ku bari muri iyo myiyerekano. Ivyo rero vy’ukurasa, bikaba vyashavuje abasirikare bari muri iyo micungararo, aho basavye abo baporisi ko bocunganwa n’abari mu myiyerekano mw’ibarabara rikuru, ariko bareke kuza barinjira mu mihana y’abantu, co kimwe n’ukurasa batumbereza mu mazu.

Ku mugoroba w’uyu wa kabiri, imyiyerekano yari ikomeye iruhande y’isengero y’abagatorika yiriwe umweranda Ana, aho abari mu myiyerekano bari bazibiye ibarabara n’umuriro, eka n’amabuye. Abaporisi batera ivyuka vyokera abari mumyiyerekano mu kubashwiragiza, abo nabo bagaca bikinga gato, bagaca bafata iminana y’amabuye. Abaporisi bariruka kuri abo bari mu myiyerekano babanje kubatera ivyuka n’ukubarasa, haheze akanya, abo banyagihugu , bakiruka kuri abo baporisi n’amabuye, bakava aho kw’isengero bakabashikana ku rindi barabara.

Muri iyo myiyerekano kandi, abaporisi vyaboneka ko barushe, kuko batubwiye ko ako gace, kuva mu gatondo batari bwaruhuke. Abatari bake, barakomerekejwe n’amabuye, abantu babiri barafatwa. Abanyagihugu rero twayaze, bakaba batubwiye ko bashavujwe n’uko abaporisi barashe umuntu, kandi bakavuga ko hari n’uwundi yari yatewe igisasu ntezwaminwe na bamwe mu bakorera urwego rw’igendereza.

Tukabamenyesha ko abahoze barongoye Uburundi nka Domisiyano Ndayizeye na Sylvestre Ntibantunganya, bavuga ko abari mu myiyerekano bavanze abahutu n’abatutsi, ko abariko bavyagiriza ubwoko bumwe, ari inzira y’ugucanishamwo abarundi.


Aristide Nizigire

Messages

  • Mukomere k’umuheto turabashigikiye. Ariko dusavye abatunganije iyo myiyerekano baseruke babafashe, babatere intege gutyo, intsinzi irimirije. Ntimudebukirwe rero.

  • Mumenyeshamakuru, urabesha abari mu myiyerekano n’urwaruka rw’ABATUTSI gusa; iyo Domisiyano na Ntiba baja mu myiyerekano niho twari kumenya n’amakungu akabona ko ari amoko yose kuko bo tubazi ko ari abahutu. Kandi ni urwaruka rwo mu kartiye akenye nibo bari muri ako kaguma, nciye mu Kinindo na Rohero, ntamwana waho numwe mbonye mw’ibarabara. nKayosha nayo ni muyireke ntakajagari kariyo n’akagize ngo karacarutse tuba twakabonye tukakigizayo. Ivyo rero ni mugumize Musaga na Nyakabiga n’ahandi hamye ari uturere twa ville morte. None imyiyerekano ni ukuzibira amabarabara? Izo ni ville mortes mwifuza ariko mugani wa wundi ngo "amase ya kera ntagihoma urutaro."

  • courrage kandi dusavye mudusabire dukomere kumuheto

  • iyo myiyerekano muzohava musanga ari mwebwe nyene mwihemukiye, mwibaza ko peter azoheba? WAPI je nguma mbabarira mumureke 5ans si myinshi, maze tuzorabe en 2020 ico azitwaza, sinon ibi muriko murakora bisubiza davantage inyuma twebwe nyene abanyagihugu batobato, abo baduhenda bigaramiye. hari nuwo nabonye avuga kuri television ngo ja mwibarabara we yiyicariye impande ya piscine imuhira iwiwe!!!!!!! hahahhahhahaaaa reka guhendwa basha. peter sindamushigikiye iyo nza kuba we nari guheba iyo mandat pour le bien du peuple mais niba aguma yikawusha, nimumureke, yitwaza ko amategeko amwemerera kuko afise aho afatira, mais en 2020, niyasubira, basha naje nzoja mwibarabara n’umugabo n’abana..................

  • Abo banyagihugu ntabwenge bagira kuko kuja mwibarabara siyo nyishu ahubwo boreka bakabimenyera mumatora.

  • Ego ndavyemanze turi abatutsi kandi numugambi twacuze,ariko abahutu ntibabibona kandi jewe ibintu vyamoko badutwayemwo mbona atari vyiza kuko abahutu twari tubanye neza none bagire baducanishemwo kandi

  • AHO BIGEZE ABO BIRABA NIBICARE HAMWE BUMVIKANE KUKO IGIHUGU KIRI KUHAHOMBERA CYANE,KANDI ABANYAGIHUGU BATOBATO NIBO BARI KUBIHOMBERAMO CANE,UTUTWANA MBONA HANO MUMAFOTO NATWO TWAGUMBYE GUJA KUMASHURE. MWESE NI MUSUBIZE UBWENGE KUGIHE SI NON NTAKIGENDA KABISA. IKINDI KANDI MUBAGUMUKA HARIMO ABARI GUCA AMAHERA KUGIRA BATINYURE ABANDI,BABISHURA BURI MUGOROBA HANO KUMUSAGA.

  • abarwanya reta bamaze guta intumbero kurwego mpuza mahanga aho ejo bakubagura umuntu ngo n’interahamwe nyuma bagasanga afite nationalite francaise,byerekanye ko mufite ikinyoma kandi reta hariya yahaboneye amanota imbere y’amakungu.

  • JEW SINTAHURA INGEN CNDD YOKWIZIGITIRIRA KURI NKURUNZIZA,NIBARAB BASHIREHO UWUNDI MUGUMYABANGA MAZ IMYIYEREKANO IHAGARARE.

  • Abarundi nimukuru amaboko mu mpuzu mwirukane nkurunziza, CNDD nireke kubacanishamo ibabwira ibya Hutu Tutsi, twe abanyarwanda tuzi aho byatugejeje, ntibazabahende! Courage kabisa nimukomeze urugamba muriho ruri noble kabisa.

  • Ako kajuju kavuga lo kemera ko aragatutsi nibagahe umuti kawunywe kuko twebwabarundi ntamuntu akiduhenda vyabananiye petero natahe ingozi.

  • @Josiane
    Dufate ko bihenze. None kuvuga ko umuntu afise nationalité francaise bica bivuga ko atoba interahamwe canke ari ou alors akorana na FDLR? Mbe woba wabonye ari umuzungu? Se wiwe woba uzi igihe yabereye umurundi?

    Mbe dufate ko nk’umwana wa Bagosora agiye nko muri FDLR(c’ est juste un exemple, un raisonnement) ariko akaba yaraciye no mu bufaransa akaronka nationalité; bica bimubuza kuba umu FDLR ngo ni ukubera ari umufaransa?

    Unyumve neza nta na kimwe nemeje ku vyerekeye urya musore, nshatse kukubwira ko kuba umufaransa bitobuza umuntu kuba FDLR. Donc urondere iyindi argument.

  • Tuzoruhuka ari uko petr avuze ko asokoye. ariko abadutumye batwemereye amahera burui musi angana 10.000F HARONKA BAMWE ABANDI NTIBARONKE. HAVUGWA MBERE KO BATEGEREZWA KUDUHA 50000f KU MUSI,bakaguma baha bamwe bamwe gusa tuzobiheba

  • mu kanyosha abaserukira MSD nabaserukira IMBONERAKURE baragiye hamwe ejo barumvikana ko ata maraso yoseseka muri komine yabo. kandi abanyagishugu twabishimye cane

  • @Bucumi Severin
    Amenyo aragutwenga ari rwawe. Mbe wibaza ko uhenda nde? Aba dd twarabahinyuye. Iyo buba ubw’umwe, bwari ikindi.

  • Whatever it is and after all, God have a good plan to Burundi

  • Ndakunze uyo musoda wacu goseeeeeeee mukomere jewe naho bavuga amacakubiri sindimwo ico bamariye aba basoda nije ndakizi baraza aba nye cibitoki iciza izo ntore z,Imana batwereka NUKURI NINGABO IMANA IBAH E UMUGISHA MBONYE I PHOTO YUMUSODA NDADUKA NKARIRA VIVE SLDA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.