IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Musaga : Uwagirijwe ko yari umugizi wa nabi yishwe

Musaga : Uwagirijwe ko yari umugizi wa nabi yishwe

mardi 21 Ruheshi 2016, par Egide NDUWIMANA

Umuntu umwe yishwe ku mugoroba wo kuri uwu wa mbere, kw’ibarabara rya kabiri muri komine Musaga, mu gisagara ca Bujumbura. Uwo yishwe arashwe , akaba yagirizwa ko yari afise ikirwanisho, nk’uko bimenyeshwa n’abajejwe intwaro. Claver NTUNGA niwe yagandaguwe, akaba yavuka mu ntara ya Rutana.

Ikiziga ciwe caraye aho kw’ibarabara rya kabiri, abaporisi bakora mu giporisi kijejwe gukingira abanyagihugu (Police de la Protection Civile) akaba aribo baje gutwara ico kiziga, mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri, nk’igihe c’isaha zine. Aho yiciwe hari amaraso menshi.

Abanyagihugu begereye ahiciwe uwo muntu bavuga ko uwo yagandaguwe yarashwe mu gihe yari ahejeje gusimba uruzitiro, ariko ahunga.

Umukuru wa zone Musaga RUMENYETSO Antoine, avuga ko uwo yishwe yari umugizi wa nabi, akavuga mbere ko yari afise gerenade.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.