IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Intwaro ibereye > Musitanteri wa komine Mukaza yahagaritswe mu mabanga

Musitanteri wa komine Mukaza yahagaritswe mu mabanga

lundi 4 Nzero 2016

Musitanteri wa Komine Mukaza Marie Suzanne Ndayisaba yahagaritswe mu mabanga yiwe,biciye mu rwandiko rwashikirijwe n’umushikiranganji w’itwaro yo hagati mu gihugu.

Mu rwandiko rwateweko umukono n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Pascal Barandagiye,uwahora arongoye Komine Mukaza iri mu gisagara ca Bujumbura yagirizwa kuba yarimuye ahakorera Komine atabivuganye n’abamukurira.

Muri urwo rwandiko kandi,umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu amenyesha ko uwo yahora ari musitanteri wa Komine Mukaza yugurura amakonte atavuganye nabamurongoye.

Uwo yahora ari musitanteri yagirizwa kandi gutoza amatagisi n’amakori mu buryo budakurikije amategeko.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.