IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Mutakura: Inkoho n’ibindi bikoresho vya gisirikare vyatowe n’igipolisi

Mutakura: Inkoho n’ibindi bikoresho vya gisirikare vyatowe n’igipolisi

lundi 11 Nzero 2016

Inkoho,amasase menshi n’impuzu za gisirikare hamwe n’ibindi bikoresho vya gisirikare nivyo vyatowe n’abajejwe umutekano muri quartier ya Mutakura iri muri zone ya Cibitoki,muri Komine Ntahangwa,mu gisagara ca Bujumbura.

Nkuko icegera c’umuvugizi w’igipolisi Moise Nkurunziza yabimenyesheje,ivyo birwanisho vyatowe hagati y’ibarabara rya 4 n’irya gatanu muri quartier ya Mutakura mu gatondo ko kuri uno wa mbere igenekerezo rya 11 Nzero 2016.

Icegera c’umuvugizi w’igipolisi yavuze ko ivyo birwanisho vyatowe inyuma yaho hari amakuru bahawe n’abanyagihugu baba muri iyo micungararo,gutyo bakabona kuhakorera ico gikorwa co gusaka ibirwanisho.

Mwomenya ko mu gatondo ko kuri uno wa mbere nyene hari ikiziga c’umuntu catowe aho muri quartier ya Mutakura nyene.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.