IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Mutanga : Ikiziga c’umuntu atamenyekanye catowe

Mutanga : Ikiziga c’umuntu atamenyekanye catowe

jeudi 14 Ndamukiza 2016, par egide

Ikiziga c’umuntu ataramenyekana catowe mu gatondo ko kuri uwu wa kane muri karitiye ya Mutanga, i ruhande y’ihoteri TULIP, hafi y’ibitaro vy’abasirikare vyo mu Kamenge.

Uwo muntu agize kabiri yishwe mw’ijoro ryo kuwa gatatu rishira uwa kane, inyuma ya Phocas BAKAZA yahora ari umukuru w’inama mpanuzwajambo ya komine Mutimbuzi yarasiwe mu Kajaga muri iryo joro nyene, hakaba kandi hari n’abandi bantu babiri bagandaguwe muri komine ya Musaga mw’ijoro nyene ryo kuri uwu wa gatatu, batowe ibiziga mu gatondo co kuri uwu kane. Umwe muri abo bishwe azwi kw’izina rya Nsengiyumva Jean Baptiste yarasiwe kurya kabiri rya Musaga, uwundi atamenyekanye akaba yatowe ikiziga muri karitiye ya Gasekebuye.

Muri iyo zone ya Musaga, haciye haba ibikorwa vy’ugusaka, ariko Moise NKURUNZIZA icegera c’umuvuguzi w’igiporisi c’Uburundi akavuga ko ata kirwanisho cafashwe. Abantu 12 akaba aribo batawe muri yompi ku mvo z’amatohoza.

Ikindi kiziga c’umuntu nawe nyene atamenyekanye catowe mu gatondo ko kuri uwu wa kane muri karitiye ya Nyabututsi, mu gisagara c’intara ya Gitega.

Abo bantu batowe ibiziga inyuma kandi y’abandi babiri batowe baboshwe kuri uwu wa gatatu mu ruzi Rusizi, ku ruhande rw’umusozi wa Kaburantwa, komine Buganda, mu ntara ya Cibitoke.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.