Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mutya Johanna Datul niwe yabaye Miss Supranational 2013 - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Mutya Johanna Datul niwe yabaye Miss Supranational 2013

Mutya Johanna Datul niwe yabaye Miss Supranational 2013

samedi 7 Nyakanga 2013

Uwatahukanye ikibanza ca mbere mw’ihiganwa Miss Supranational 2013 yabaye Mutya Johanna Datul. Uyu mwigeme akaba yamuka mu gihugu ca Philipines. Yabaye uwa mbere mu bigeme 82 bava mu bihugu bitandukanye vyo kw’isi.

JPEG - 132.2 ko
Mutya Johanna Datul, Miss Supranational 2013

Umwigeme w’imetero 1 na santimetero 72, afise imyaka 21 yitwa Mutya Johanna Datul yaserukiye igihugu ca Philippines mw’ihiganwa rya Miss Supranational 2013 niwe yaraye atowe kuba Miss Supranational 2013. Yabaye uwa mbere mu bigeme 82 bava mu bihugu bitandukaye vyo kw’isi bari bitavye iryo higanwa rigira 5. Gutyo Mutya Johanna Datul akaba yatsindiye agashimwe k’amahera y’amadorare y’abanyamerika 25 000. Iryo torwa rya Miss Supranational 2013 ryabaye kuri uyu wa gatanu ku mugoroba w’ijoro mu gihugu co Biélarussie ku mugabane wa Buraya.

PNG - 268.7 ko
Mutya Johanna Datul, Miss Supranational 2013

Mutya Johanna Datul akaba yakurikiwe n’umwigeme Jacqueline Morales akomoka muri Mexique. Ikibanza ca gatatu kikaba catwawe na Leyla Kose akomoka muri Turkiya. Uwa kane akaba yabaye uwukomoka muri Indonésie yitwa Cok Krisnanda Widani. Mu kibanza ca 5 akaba ari Esonica Veira akomoka mu mwazinga ya Vierges yegukira Amerika.

PNG - 328.6 ko
Mutya Johanna Datul, Miss Supranational 2013 akamwemwe kamusyagushikaho arira

Iryo higanwa ry’abakobwa beza kandi bincabwenge rikaba ryari ryitabwe n’umwigeme wo mu Rwanda yitwa Mutesi Aurore Kayibanda yashoboye kuja muri 18 ba mbere mugice c’iryo higanwa bita Miss Internet. Iryo higanwa rya Miss Supranational 2013. Iryo higanwa rikaba ryari rigizwe n’uduhiganwa duto nka Continantel Queens (Umwamikazi w’umugabane), Best Talent(Umwigeme afise ubuhinga cane), special award( agashimwe kadasanzwe) na Miss Internet.


INGABIRE Luc-Noël

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.