IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Muyinga: Michel Nurweze batazira Rwembe yafashwe n’igipolisi

Muyinga: Michel Nurweze batazira Rwembe yafashwe n’igipolisi

jeudi 7 Nzero 2016

Intwazangabo mu gipolisi Michel Nurweze batazira Rwembe yafashwe n’igipolisi co mu ntara ya Muyinga kuva mu gatondo ko kuri uno wa kane igenekerezo rya 7 Nzero 2016.

Michel Nurweze batazira Rwembe yafatiwe mu nzu y’ingenzi izwi kw’izina rya Benito iri hagati mu gisagara ca Muyinga,aho yari yagiye gutemberera.

Amakuru ava mu gipolisi mu ntara ya Muyinga,amenyesha ko Rwembe yafashwe kubera umugenzi wiwe bari kumwe yoba yarashwe amasasu abiri aramukomeretsa arashwe na Michel Nurweze nyene ,hari nk’igihe c’isaha zitatu mw’ijoro ryo kuwa gatatu igenekerezo rya 6 Nzero 2016.

Ayo makuru yo mu gipolisi nyene, amenyesha ko inyuma yo gukora iryo bara,Michel Nurweze batazira Rwembe yaciye yiyugaranira mu cumba yarayemwo,bikaba vyabaye ngombwa ko bakoresha inguvu kugira akivemwo.

Michel Nurweze batazira Rwembe arazwi kandi mu madosiye yo gusinzikaza agateka ka zina muntu n’impfu,na cane cane mu ntara ya Gitega aho yakorera nka komiseri mu gipolisi ajejwe umutekano hagati ku gihugu.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.