Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Muyinga : Musitanteri yahagurukiye akarwi k’abadandaza batariha (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Muyinga : Musitanteri yahagurukiye akarwi k’abadandaza batariha (...)

Muyinga : Musitanteri yahagurukiye akarwi k’abadandaza batariha ikori

jeudi 2 Nzero 2014

Musitanteri wa komine Muyinga amenyesha ko hari umurwi w’abadandariza mw’isoko ya Muyinga umutera ubwoba, uyo murwi kandi akavuga ko ufashanya na bamwe mu bajenama ba komine bagumura abadandaza ngo ntibatange ikori.

Musitanteri Evelyne Izobiriza amenyesha ko hari umurwi w’abajenama ba komine arongoye basanzwe badandariza muri iyo soko ya Muyinga badatanga ikori, komine nayo ikaba itokwihanganira abantu badatanga ikori, ariko kubasaba ko botanga ikori nk’abandi banyagihugu bose badandariza muri iyo soko, mu gihe musitanteri amenyesha ko abo bajenama atakori bahora bariha. Kuva uyo mupfasoni atanguye kurongora iyo komine haraheze umwaka, akaba atorohereza abadandaza bashaka kudandaza batariha ikori, uwariwe wese.

Igitangaza uyo mupfasoni rero arongoye komine ya Muyinga, akaba ari umwe mubadandaza yitwa Saidi yamusanze aho akorera, aramugirako iterabwoba, maze amushengeje, akaba atamazeyo na kabiri, kuko yaciye baciye arekurwa. Umukuru w’inama mpanuzwajambo ya komine Muyinga amenyesha ko ico kibazo kizwi, kandi biteguriye kugitorera umuti mu nama ya bose, kugira ibintu bisubire mu buryo, mu gihe inama kuri ico kibazo yari yabaye kuri uyu wa gatanu uheze igenekerezo rya 27 Kigarama, ariko akaba atacavuyemwo, kuko inama yarangiye ari ukutumvikana gusa.


IGIHE

Messages

  • Ikibazo ntigihagaze aho n’uko atoza 200000fr kandi yari gutoza 100000fr uko ni ugihotora abanyagihugu basanzwe bari mu bukene butagira izina. Hari n’ayandi ma dossiers ari muri Anticorruption nareke kwiyeza acafuza abandi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.