IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Muyinga : Umutekano wifashe neza muri rusangi

Muyinga : Umutekano wifashe neza muri rusangi

dimanche 19 Nzero 2014

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yaragendeye intara ya Muyinga mu ntumbero yo kuraba aho iyo ntara igeze mu migambi y’iterambere ndetse no ku kibazo co kutumvikana mu ntwaro ya Komine Muyinga.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Edouard Nduwimana yarabonanye n’abategetsi batandukanye bo mu ntara ya Muyinga . Muri iyo nama hakaba hari hitavye abarongoye amanama mpanuzwajambo ya komine, abarongoye inzego z’umutekano, abategetsi batandukanye mu ntara abarongoye amashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike. Intumbero y’iyo nama akaba yari iyo gusuzuma intambwe intara ya Muyinga imaze gutera mu mugambi w’iterambere.

Buramatari w’intara ya Muyinga yavuze ko umutekano ari mwiza muri rusangi naho bicamwo hakibonekeza aha na hariya ubwicanyi bumwe bumwe usanga bufatiye ku matati y’amatongo, ubusuma hamwe n’abagabo usanga bakubagura abapfasoni babo.

Inyuma y’iyo nama ,umushikiranganji Edouard Nduwimana akaba yaciye abonana mu mwiherero n’abasanzwe bari mu nama mpanuzwajambo ya komine Muyinga hamwe na musitanteri wiyo komine. Iyo nama ikaba yari iyo kugerageza gutorera inyushu ibibazo vy’umwumvikano muke urangwa muri ubwo burongozi bwa komine. Umunshikiranganji akaba yasavye ko hokorana inama yihuta yizo mpande zibiri maze zigashira mu ngiro buvyo bumvikanye.

Aho mwomenyako inama mpanuzwajambo ya Komine Muyinga igomba gukura musitanteri w’iyo komine. Ariko umushikiranganji akaba yavuzeko atamakosa ahambaye yagirizwa yotuma akurwa.


KARIRE Floxella

Messages

  • Komera mushikiranganji wintwaro yohagati mugihugu cacu cu Burundi Eduardo Nduwimana. Hanihumuntu aherutse kutanga comment avugako jewe mvuganeza uyumushikiranganji ngokubera ivyonifuza ngwampe yarambesheye atarukubera arumushikiranganji jewe ntacoyompa kandintakaziyompa ngwaheze aronke ukwampemba. ndabereye ndakunda umushikiranganji Eduardo Nduwimana nabobikorana bose.

  • Mbe wewe wiyita mama sinibaza ko uri umurundi niwaba urumurundi naho uba hanze kuko ntuzi ibibera i burundi ,abapfa ,abapfungwirwa ubusa,abata izabo eka amabi mensi akorwa nabajejwe gukingira abanyagihugu ,rero mvuga nti urasaba icushaka ariko ugisabe neza kuko ntibukeye nakabiri UWITEKA agaca urubanza kandi ndakurahiye sikera kuko ivyo yavuze vyose vyarashitse nawe utabibona ntakundi hazozimira izagenewe kuzimira

  • @Mama ngira umenga ugenda wipfutse igitambara mu maso canke washize ibintu mu matwi ntiwumva nturaraba. ndagusetse kwerriiiii kubona utazi amabi yayogoje igihugu cyanyu. nirirwa nguha uturorero ariko ntushaka kumva akamo ntera abajejwe intwaro ngo baire icyo bakoze nahubundi dd iratumaze. I’m freedom fighter (IMPIRIMBANYI YA DEMOCRACY) kandi nziko akamo ndiko ndatera kamaze kumvwa nabatari bake harimo na civil society ikorera hano muri great lakes region. giramahoro

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.