IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Mwaro:Ishure nshingiro ryaruguruwe muri komine Kayokwe

Mwaro:Ishure nshingiro ryaruguruwe muri komine Kayokwe

mercredi 9 Nzero 2013

Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Therence Sinunguruza ari kumwe n’uwuserukira igihugu c’u Bushinwa mu Burundi baruguruye inyubakwa z’ishuri nshingiro mu ntara ya Mwaro.

Kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 8 Nzero 2013, ku mutumba wa Kivuruga muri zone Matyazo ya komine Kayokwe mu ntara ya Mwaro, niho icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Therence Sinunguruza ari kumwe n’uwuserukira igihugu c’u Bushinwa bugurura inyubakwa z’ishuri nshingiro.

Nkuko mu majambo yagiye arakurikirana vyavuzwe,ngo izo nyubakwa zubatswe n’intererano yatanzwe n’ishirahamwe ry’iterambere ry’urwaruka rw’abashinwa nkuko babikoze no mu zindi ntara nka Ngozi, Muramvya, Karusi na Cankuzo.

Mw’ijambo ryiwe icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yarasavye abanyamwaro ko bobungabunga izo nyubakwa kuko zifise akamaro k’urwaruka rwu Burundi bw’ejo no ku gihugu muri rusangi.

Twobamenyesha ko izo nyubakwa zifise agaciro kangana n’amafaranga umuriyoni w’amadorare y’abanyamerika.


Mugisha Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.