Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
N’aho bigoye karatiye Busoro izoronswa amazi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Iterambere > N’aho bigoye karatiye Busoro izoronswa amazi

N’aho bigoye karatiye Busoro izoronswa amazi

vendredi 28 Ruheshi 2013

Ku va aho abanyagihugu bo muri karatiye ya Busoro batakambiye ko indwara ziva kw’isuku rike zigiye kwaka indao, bivanye n’uko iyo karatiye itagira amazi meza, ubuyobozi bujejwe igisata c’amazi buvuga ko iyo ngorane buyizi.

Muri REGIDESO bamenyesha ko ingorane yo mu Busoro bayizi ariko ko hari ingorane y’imiringoti iajana amazi muri iyo karatiye kuko igisata kijejwe itunganywa ry’ibisagara kitigeze ciga ukwo amazi yojanwa muri iyo karatiye. Umuyobozi ajejwe igisata c’amazi muri REGIDESO avuga ko bariko bararaba ukuntu botorera nyishu ico ikibazo c’amazi muri iyo karatiye n’aho avuga ko hari ingorane zidasanzwe kugira iyo karatiye ironke amazi, ariko ko azokora uko bashoboye.

Ivyo rero bikaba bivuzwe mu gihe abanyagihugu bo ngaho mu Busoro bavugiye ko ivyangombwa babifise ariko bakabura amazi, mu gihe bakoresha amazi mabi mu guteka ndetse n’ayo banywa. Abanyagihugu rero bo mu Busoro bavuga ko bashimishijwe n’ijambo ry’uwujejwe igisata c’amazi ko mu minsi bagiye nabo kubatunganiriza nk’abandi.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.