Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
N’Djamena : Ibiganiro vyahagaritswe kare mu nama rukokoma y’ibihugu vya (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > N’Djamena : Ibiganiro vyahagaritswe kare mu nama rukokoma y’ibihugu vya (...)

N’Djamena : Ibiganiro vyahagaritswe kare mu nama rukokoma y’ibihugu vya CEEACE

vendredi 10 Nzero 2014

Inama rukokoma yari yahuje ibihugu bihurikiye mu muryaryo wa CEEACE (Communaute Economique des Etats de l’Afrique Centrale) yahagaritse ibiganiro kare mu gihe vyari bitegekanijwe kumara iminsi ibiri.

Iyo nama yabereye i N’Djamena, yari itegekanije kumara iminsi ibiri, kuva kw’igenekerezo rya 9 Nzero gushika irya 10 Nzero 2014. Abari bayirimwo bashimye kubandanya ibiganiro mw’ijoro ry’uwa kane wa 9 Nzero, bica bituma inama ihera imbere y’aho yari yitezwe guherera.

Abategetsi b’ibihugu vya CEEACE baraganiriye n’abagize umurwi w’igihugu mfatakibanza hamwe n’abarongoye amadini bo mu gihugu ca Centrafrika. Ikindi naco cigaragaje muri iyo nama, n’uko Michel Djotodia hamwe n’umushikiranganji wa mbere batatanze imihoho nk’uko vyari vyitezwe n’abatari bake imbere y’uko inama rukokoma itangura.

Nk’uko vyashikirijwe n’umwe mubari bitavye iyo nama rukokoma, ku muhingamo w’ejo kuwa kane igihe abategetsi bari mu mwiherero bonyene, Michel Djotodia hamwe na Nicolas Tiangaye barashizwe ku murongo. Bimwe muvyo bababwiye bikaba bibasaba ko bokura akarenge muvya poritike.

Idriss Deby, umukuru w’igihugu ca Tchad akaba n’umukuru wa CEEACE, mw’ijambo ryiwe ry’uwo munsi akaba yamenyesheje ko hagiye gukorwa ibishoboka vyose mu gufasha kugarukana amahoro n’umutekano muri Centrafrika, igihugu kibanyi ca Tchad.

Mwokwibuka ko muri iyo nama rukokoma yari igizwe n’ibihugu vya CEEACE, Uburundi bwari bwaserukiwe na Bernard Busokoza, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.