Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ni ibiki umuntu yokora kugira agire mu nda hato? - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ni ibiki umuntu yokora kugira agire mu nda hato?

Ni ibiki umuntu yokora kugira agire mu nda hato?

jeudi 18 Mukakaro 2013

Ni nde atobabazwa no kubona agahuzu kiwe yari yaguze, agiye kukambara, agasanga mu nda ntikamukwiye ? Yaba ku bagabo yaba ku bagore, bose ntivyobanezereza basanze biri uko. Kira noneho, iyo umuntu afise mu nda hanini bishobora kugirira ingaruka mbi amagara yiwe, mukugwara indwara zitandukanye zivuye ku binure vyinshi, nk’indwara y’umutima, iya diabete, kutamererwa neza mu nda canke agaca aza aragira amasoni mu bantu ntabe agisubira kwikunda.

Hari ibipimo vyo mu nda umuntu atategerezwa kurenza bivanye n’uburebure n’ibiro afise. Ivyo navyo bikaba ari abantu bose babirekuriwe kubigira, kugira ntibarenze igipimo bategerezwa kugira.
Kugira umuntu agire mu nda hato, ntibisigura kuca areka gufungura, ariko biramusaba kwitanga agahindura inyifato zimwe zimwe yahora agira zamutuma agira mu nda hanini. Akenshi bikunda kuva ku gufungura vyinshi kandi umwanya wose, canke kunywa inzoga nyinshi zambiye. Ariko, hari igihe usanga biba bivuye ku gufungura nabi, bagaca barwara indwara ya kwashi inda zikavyimba.

Hari impanuro zitandukanye zatowe n’abahinga mu magara y’abantu dusanga ku murongo ngurakanabumenyi www.terrafemina.com, zoshobora gufasha abafise mu nda hanini canke zofasha n’abandi kugira bikingire hakiri kare. Izo nazo ni nk’izi :

1. Kuryama neza

Kwubahiriza umwanya wo kuryama ni ivyankenerwa mu buzima, kuko bikurinda kuza urashaka gufungura amasaha yose. Abashashatsi, bavuga y’uko gufungura cane biva kenshi kukubura itiro, uburuhe nabwo bugaca butuma umuntu ashaka kurya ibifise isukari.

2. Kigabanya isukari

Ni ngombwa! N’uguhindura, na kare isukari nyinshi ituma haba n’imisonga mu nda. Namba muri abantu basanzwe bakunda gufungura isukari, ni vyiza kuyisubiriza n’ivyamwa vyo bifise isukari idafise ingaruka mbi ku magara y’umuntu.

3.Kwongereza ibinure

Aho muhava mubaza igituma bavuze kwongerereza ibinure kandi biri mu bituma mu nda haba hanini. Ibinure bavuze ngaha, n’ibinure vyiza bivuye nko mw’ifi, mw’ivoka, mw’inazi,… Amavuta ava muri ivyo bifungurwa ni meza cane ku magara yacu.

4. Gufata umwanya wo guhema uko bikwiye

Igihe coce mwumvise hari ibintu bituma mwoshavura, canke mu gihe mubaye mu myitwarariko myinshi, fate umwanya wo guhema, mugusohora impwemu neza, kugira zibaruhure, kuko, inda, n’ink’ubwonko butuma umuntu abaho. Iyo bidakoze neza, n’amagara ntaba meza. Muti none guhema no kugira mu nda hato bihuriye he? Ngira muramaze kubona ko impwemu mu guhema ziva mu nda, iyo rero udahemye uko vyategerezwa, inda ica imera nk’iyuzuye imyuka mibi itashoboye gusohoka. Ni naco gituma basaba guhema cane kugira no mu nda haruhuke.

5. Gufungura ibintu bibatuma mworoherwa mu nda

Iyo umuntu afungura indya zigumye, ntashobora kwambara impuzu ngo afunge n’igifungo nk’uko yavyipfuza, kuko aba aremerewe mu nda. Basaba rero kunywa cane amazi kugira mu nda hagume horoshe. No mu gufungura ni vyiza kwigerera, atari uko naho, inda iruzura, bigatuma n’umushishito uguma waguka.

6. Kugira imyimenyerezo yo kwinonora imitsi

Kwinonora imitsi bituma imitsi ikomera, ikanagororoka kandi no mu nda haca hakomera. Umuntu ashobora kureka gufungura, wanashima agafungura ku rugero, ariko ntakizosubibirira imyimenyerezo, kuko yo iyo uyigize, uguma unonotse. N’ubwo ibinure vyohaba, umubiri ntumera nk’uwushaye, ahubwo urakomera.N’ukwama rero muhitamwo imyimenyerezo ikomeza mu nda cane.
Uripfuza kugira amagara meza, kwambara ukaberwa, no kurengana ugashimwa? Kurikize izo mpanuro babahaye zizobafasha.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.