Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
N’ishavu ryinshi, Lionel Messi yatutse abariko bamwifatira mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > N’ishavu ryinshi, Lionel Messi yatutse abariko bamwifatira mu (...)

N’ishavu ryinshi, Lionel Messi yatutse abariko bamwifatira mu gahanga

lundi 21 Ndamukiza 2014

Abakinyi b’umurwi wa FC Barcelone muri ino minsi ntibatahura ibiriko bishikira umurwi wabo kuko umaze igihe uguma utsindwa. Agashavu rero kaguma kibonekeza kuri abo bakinyi. Lionel Messi yishuye nabi umwe mu bakunzi b’uwo murwi. Kuvuga nabi si ibintu vyari bimenyererwe mu bibereho ya Lionel Messi.

Umurwi wa FC Barcelone umaze igihe utifashe neza. Ugutsindwa kwa FC Barcelone kurababaza bamwe mu bihangange vy’abakinyi kuko bariko batakaza ibibanza vyabo. Ako gashavu kabonetse kuri Lionel Messi amaze gutwara imipira y’inzahabu 4, ari nawe wa mbere afise ivyo bikombe vyinshi kuva umupira w’amaguru wagakinwa kw’isi.

Kuri uwo wa gatanu w’igenekerezo rya 18 Ndamukiza, igihe Messi yari ku kibuga c’indege batahutse bavuye i Valence aho batsindiwe na Real Madrid mu gikombe c’umwami, abakunzi ba FC Barcelone babakiranye ibitutsi vyinshi, aho Messi yateba agashavura bamubwiye ko ari umwana w’igishushungwe. Nawe ati : "Mwa mburakimazi mwe! Mwabuze ico mukora". Ivyo kuvuga amajambo y’ibitutsi ntivyari bimenyerewe kuri Messi.

Ico gihe Messi yatukwa nabi, nawe agahava atwarwa n’agashavu, abakunzi ba FC Barcelone baguma basaba ko umurongozi w’uwo murwi Jose Baromeu n’umumenyereza Tata Martino botanga imihoho.

Bivugwa kandi n’ikinyamakuru Espagnol Sport co muri Espagne ko Messi ashobora kugurishwa, aho kivuga ko umurwi wa Paris-Saint-Germain nawo witeguye gutanga imiliyoni 250 z’amahera akoreshwa i Buraya kugira umutware.

Tubibutse ko kuri uwo w’Imana uheze, umurwi wa FC Barcelone witeturuye utsinda umurwi wa Atletico Bilbao ibitsindo 2 kuri 1, harimwo ica Lionel Messi na Pedro.


Chérif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.