Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Naho BBN yunganira Reta mu bikorwa vy’ubudandaji bw’akanovera, irakenye (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Naho BBN yunganira Reta mu bikorwa vy’ubudandaji bw’akanovera, irakenye (...)

Naho BBN yunganira Reta mu bikorwa vy’ubudandaji bw’akanovera, irakenye abakozi

jeudi 15 Rusama 2014

Impapuro zirenga 500 zigenga ibidandazwa hamwe n’amategeko 1072 nivyo ikigo kijejwe kugenzura akaranga k’ibidandazwa no gushinga amategeko abigenga (BBN) kimaze gushiraho.

Ku va ku wa 3 Kigarama umwaka w’1989 ico kigo gitanguye, umuyobozi wa BBN Gervais Nzinahora avuga ko abanyagihugu bakorana neza n’ico kigo, kugira ntibasange bariko barakoresha ibidandazwa vyataye ikiringo bishobora kubangamira amagara yabo. Ico kigo gisanzwe gikukira ubushikiranganji bw’ubudandaji, cahawe intumbero yo gufasha igihugu gushorera mu makungu ibidandazwa bikwije ibisabwa, gusuzuma akaranga k’ibidandazwa vyinjira mu gihugu, gukingira abaguzi n’ibidukikije hamwe no gukingira itunga ry’igihugu. Mu mwaka w’2011, iryo tegeko rigenga ikigo BBN ryarahinyanyuwe kugira rikigire itegeko rishusha n’ayandi mategeko agenga ibindi bigo nk’ivyo, vyo mu bihugu bigize umuryango wa Afrika y’Ubuseruko.

Mwomenya ko BBN kandi carakoranye n’amahinguriro menshi nka OTB, ARFIC, SOSUMO, SAVONOR, FRUITO, KINJU, BUSECO, REGIDESO, amabagiro y’ibitungwa, imanganzini zidandaza inyama, n’ aho abantu biherereza ibifungurwa n’ibinyobwa. Ariko rero, ico kigo kirakeneye uburyo bukwiye no kwongereza abakozi, kugira kibashe kugenzura neza ibidandazwa vyose vyinjira n’ibisohoka, hamwe n’ibidandarizwa mu gihugu.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.