Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Naho ihiganwa ritarahera, Barca yatahukanye igikombe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Naho ihiganwa ritarahera, Barca yatahukanye igikombe

Naho ihiganwa ritarahera, Barca yatahukanye igikombe

dimanche 12 Rusama 2013

Mu gihe umurwi Fc Barcelone itarakina kuri uyu mugoroba w’igenekerezo rya 12 Rusama 2013, waraye utahukanye ihiganwa ry’umwaka wa 2012-2013.

Iyo ntsinzi baka bayikesha ukunganya mu rukino rwaraye ruhuje Real Madrid na Espangol Barcelone (1-1), kikaba ari igikombe c’ihiganwa ry’umupira w’amaguru Liga co mu gihugu ca Espagne kigira ica 22.

Twobibutsa ko Fc Barcelone iza guhura kuri uno mugoroba na Atletico Madrid ku kibuga cabo Vicente Calderon.

Umurwi FC Barcelone benshi bakunda kwita Barça, ni umurwi wo mu gihugu ca Espagne watanguye mu mwaka w’1899.

Ni umurwi umaze kwubaka izina ryawo kw’isi yose. Ikibanza ufise kiwuha uburenganzira bwo kwitwa umurwi wa gatatu i buraya mu kinjana ca mirongo ibiri, umurwi wa mbere kuva mu mwaka 2001 gushika mu mwaka w’2010.

Mu mwaka w’2010, FC Barcelone wari umaze kuba umurwi ukundwa cane mu gihugu ca Espagne. Ikibuga bakinirako kikaba citwa Camp Nou, ari naco casubiriye icitwa stade des Corts.

Uwo murwi urongowe na Sandro Rosell, yatowe kw’igenekerezo rya 13 Ruheshi 2010, ku kiringo c’imyaka itandatu, asubiriye Joan Laporta.

Kuva mu mwaka w’2012, umumenyereza wa FC Barcelone ni Tito Vilanova, yahoze ari icegera ca Josep Guardiola.


Armel Nakindavyi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.