IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Naho Vatikano itabishira ahabona amatohoza ku rupfu rwa Lucia, Olga na (...)

Naho Vatikano itabishira ahabona amatohoza ku rupfu rwa Lucia, Olga na Bernadetta ageze kure

jeudi 12 Ruhuhuma 2015

Intumwa ya Papa mu Burundi ivuga ko urupfu rw’ababikira batatu rwabababaje, kandi ko inzira y’ubutungane ariyo nabo nyene barindiriye.

Ivyo Musenyeri Wojciech Zaluski akaba yabishikirije avuye mu mubonano yari ahejeje guhabwa n’umukuru w’inama nkenguzamateka Gabriel Ntisezerana. Musenyeri Wojciech Zaluski akaba yavuze ko urupfu rwa Olga, Bernadette na Lucia rwababaje abantu benshi, ariko ko barindiriye ico ubutungane buzoshikako mu matohoza. Avuga ko bacizeye ubutungane kuko iyo dosiye atari iya poritike kugira barinde kuyivugana n’umukuru w’inama nkenguzamateka. Aha rero, tukabamenyesha ko amakuru dufise avuga ko ahasanzwe havuka abo babikira batatu, huguruwe amatohoza muri parake y’i Parme mu gihugu c’Ubutariyano.

Abatari bake y’aba amashirahamwe y’abamenyeshamakuru, ayataho yegamiye muvya poritike n’ayandi, na Ekereziya Gatorika mu Burundi,bakaba baguma basaba ko ukuri ku bagandaguye ababikira batatu kwoja ahabona, nayo umuyobozi wa RPA Ijwi ry’abanyagihugu Bob Rugurika nawe akarekurwa.

Basaba ko Bob Rugurika yorekurwa vuba, mu gihe yafashwe agapfungwa, inyuma y’amatohoza iradiyo arongoye yari yashize ahabona, amatohoza yavuga ko uwahoze ari umukuru w’igendereza ry’Uburundi Adolphe Nshimirimana hamwe n’abandi nka Kazungu, Ayubu na Guillaume Harushimana boba baragize uruhara muri ubwo bw’icanyi bw’abo babikira.


Aristide Nizigire

Messages

  • ITANGAZAMAKURU RIRWANYA RETA BURUNDI.ORG NKUBU HAKABIGITANGAZA IYINTAMBARA BAGUMABAKOKOZA IKARAMUKA IBAYE MU BURUNDI, NDAKUBWIRE NOBANDOSE AKARYO KOGUHANAHURA ABABOSE BAGUMIZA KUNKENKE ABARUNDI .

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.