Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nakonde : Urubibe ruhuza Tanzaniya na Zambiya rwugawe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nakonde : Urubibe ruhuza Tanzaniya na Zambiya rwugawe

Nakonde : Urubibe ruhuza Tanzaniya na Zambiya rwugawe

mercredi 18 Ntwarante 2015

Urubibe ruhuza Tanzaniya na Zambiya rwugawe, inyuma y’indwano zabereye ku ruhande rwa Tanzaniya.

Nk’uko vyandikwa na Times of Zambia, urubibe rwa Nakonde ruri mu Buraruko bwa Zambiya rwugawe biturutse kugutana mu mitwe kw’abanyagihugu bari mu migambwe itandukanye bo mu gisagara ca Tunduma mu gihugu ca Tanzaniya, bapfa itongo. Umunyamabanga ntayegayezwa w’intara ya Muchinga, Bright Nunbwe, avuga ko iyo ngingo yafashwe, mu gihe babona ko izo ntambara zashobora gutandukira igihugu cabo, urubibe basangiye rugahungabanywa n’abo bariko baratana mu mitwe.

Bright Nunbwe avuga ko hari bamwe baciye bikika mu kiza, kugira bashobore gusahura, binjiza mu gihugu ca Zambiya, abo nabo bakaba batorohewe kuko imbibe zari zugawe n’igiporisi, kandi carikanuye. Ku birometero bigera kw’icumi uja muri Tanzaniya, akaba ariho mbere bimwe mu biduga bisanzwe bitwara igitoro vyugaraniwe bigera nko ku majana atanu. Amaduka nayo yo ku rubibe rw’igihugu ca Tanzaniya gihana na Zambiya, arugaye,abadandaza bakaba batigeze bugurura.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.