Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nelson Mandela: Amagara yiwe yasubiriye guhungabana - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nelson Mandela: Amagara yiwe yasubiriye guhungabana

Nelson Mandela: Amagara yiwe yasubiriye guhungabana

samedi 8 Ruheshi 2013

Uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Afrika y’epfo, Nelson Mandela, ku mwaka 94 yasubiye kwinjira ibitaro mw’ijoro ryo kuwa gatanu rishira uno musi kuwa gatandatu, afashwe n’indwara y’amahaha ikunze kumufata, aca ajanwa ku bitaro i Pretoria.

Nk’uko amakuru ava mu biro vy’umukuru w’igihugu muri Afrika y’epfo abimenyesha, amagara ya Nelson Mandela ntiyifashe neza.

Nelson mandela yabaye umukuru w’igihugu wa mbere w’umwirabure muri Afrika y’epfo mu mwaka w’1994, bikaba bivugwa ko iyo ndwara y’amahaha ikunze kumufata yoba iva ku gituntu yarwariye mu munyororo yamazemwo imyaka mirongo ibiri n’indwi i Robben Island.

Madiba nk’uko abakunzi biwe bamuhamagara akaba azorumanya imyaka 95 y’amavuka mu kwezi kwa Mukakaro.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.