Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nelson Mandela ariko aratora mitende - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nelson Mandela ariko aratora mitende

Nelson Mandela ariko aratora mitende

lundi 17 Ruheshi 2013

Umukuru w’igihugu ca Afrika y’epfo, Jacob Zuma, amenyesha ko uwahoze ari umukuru w’ico gihugu, Nelson Mandela, abandanya yoroherwa, ko amagara yiwe atera yisununura.

Ariko yongeye yibutsa ko uburwayi bwiwe bugikomeye.
Muri kino kiringo, Nelson Mandela arashobora kuvugana n’umuryango wiwe uba uje kumusuhuza.

Umukuru w’igihugu ca Afrika y’epfo Jacob Zuma yamenyesheje ayo makuru aho yashikiriza ijambo ku munsi w’urwaruka mu ntara ya Kwazulu-Natal, mu kwibuka imigumuko yo mu mwaka w’1976 i Soweto yo kwiyamiriza intwaro ivangura ya apartheid.

Yasavye abari aho kwifatanya nawe mu kwipfuriza Nelson Mandela umunsi mwiza w’abavyeyi b’abagabo wariko uhimbazwa ku musi w’ejo.


Egide Nduwimana

Messages

  • Imana ishimwe,Imana ihabwe icubairo igaruye ubuzima bwiwe.DUSENGE:Mana rurema mwongere imisi uyu mwana wawe adakunda ivy’iyi si,impfura y’abana bawe mwongere iyingi misi tube turanezerwa hamwe,isi yose iramukunda kubera akarorero keza yatanze,nawe Data mwishure mu kumwongera imisi ni mw’izina rya YESU amen.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.