Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nelson Mandela yashinguranywe iteka i Qunu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nelson Mandela yashinguranywe iteka i Qunu

Nelson Mandela yashinguranywe iteka i Qunu

dimanche 15 Kigarama 2013

Kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 15 Kigarama niho habaye ugushingurana iteka Nelson Mandela. Ibirori vyo gushingura iyo mboneza vyabereye i Qunu aho Madiba yavukiye.

Ugushinguranwa iteka kwa Nelson Mandela kwatanguye igihe c’isaha zibiri y’agatondo, kw’isaha yo muri Afrika y’Epho. Ni ukuvuga isaha cumi na zibiri z’agatondo kw’isaha mpuzamakungu. Ayo maziko akaba yatanguwe n’ururirimbo "Lizali’sidinga lakho" bisigura "Shikana ivyo wemeye". Nelson akaba yahambwe mw’itongo ry’umuryango wiwe i Qunu, ahari hakoraniye abantu isinzi barenga 4 500.

Ayo maziko y’ico gihangange c’ikinjana ca 20 yari yitabwe b’abanyecubahiro. Aha twovuga nk’umuganwa Karori w’Ubwungereza, abahoze ari abashikiranganji b’Ubufaransa: Lionel Jospin na Alain Juppé, umunyamerika Jesse Jackson aharanira agateka ka kiremwa muntu ndetse n’umugendanyi wa Nelson Mandela, Desmond Tutu akaba yari yishikiye muri ayo maziko.

JPEG - 18.5 ko
I Qunu, mw’itongo ry’umuryango wa Mandela ahabereye amaziko mu mwiherero

Imboneshakure zo muri Afrika y’Epfo, hafi nka zose zikaba zariko zirerekana ivyo birori. Mu gihugu cose ndetse no mu bindi bihugu vyinshi kw’isi abantu bakaba bariko barakurikirana ivyiryo shingurwa. Ariko nkuko umuryango wa Nelson Mandela wari wabisavye, isaha zine, ivyuma bifata amasanamu vyahagaritswa. Aho hakaba hari hageze gushira mu ntatemwa Nelson Mandela.

Abantu 450 gusa bo mu muryango wa Mandela n’abawegereye cane nibo bashoboye kuba muri ico kibanza mu mwanya wo kumushira mu ntatemwa. Kure y’ivyuma bifata amasanamu, ibirori bikaba vyabandanije birongowe n’uwitwa Thembu akomoka mu bwoko bw’aba xhosa. Aho bakaba baza kwambaza abasokuru ndetse hubagwa impfizi batanzeko inkuka.

Ivyo birori bikaba bisozereye iminsi 10 yo kwunamira iyo ntwari ya Afrika yashengeye kw’igenekerezo rya 5 Kigarama 2013.


INGABIRE Luc-Noel

Messages

  • Mzudiba. intwali tuzibuka, numwana urimunda. azakurikirana umurongo watangije. muri Africa. ntago tuzakwibagirwa, tuzakurikira ibikorwa byiza wakoze. ntago udusize, nkipfubyi. kuko ibyigwa barabidusiye

  • Madiba. itwali tuzibuka, numwana uri munda, azakurikirana umurongo, watanguye,ntagodusize nkipfubyi. kuko ibyigwa warabidusigiye. tuzahora tukwibuka. ibyizabyawe, twarabibonye, nIMANA yarabyanditse. fondation. yawe niyo nzira yakozozaka Afrca yejo

  • Jewe nezerejwe cane n’uko muzi kurondera amakuru n’amasanamu komere ba journalistes, akazi murakazi pe, nca numva nkunze uwo mwuga.

  • VYOBA VYIZA TUMENYE KO ITEKA UMUNTU ATARIHABWA NUGUTUNGA CANE CANKE AMASHURE MENSHI CANK GUTWARA IMWAKA MWISHI MADIBA YATWAYE IMWAKA 4 GUSA ARIKO AFISE AGATEKA KADASANZWE NKA BOBO BIBUKA ISIYOS GUSUMBA ABATWARA U.S.A MR6

  • Icompa abakuru b’ibihugu babonye canke bahuye na Mandela bagakurikira iragi ryiwe ryo kutigungira ku butegetsi no gutoteza abo batavuga rumwe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.