Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nelson Mandela yaraye avuye mu bitaro - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nelson Mandela yaraye avuye mu bitaro

Nelson Mandela yaraye avuye mu bitaro

dimanche 7 Ndamukiza 2013

Perezida Nelson Mandela yahoze atwara igihugu ca Afrika y’Epfo, yaravuye mu bitaro, yaramazemwo imisi icenda.

Igihe yinjira ibitaro, amakungu yari yahagaritse umutima.

Ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Afrika y’Epfo, Jacob Zuma, vyasohoye itangazo rivuga kw’umushingantahe Mandela afise imyaka 94 mur’iki gihe, yavuye mu bitaro ejo ku musi wa gatandatu, inyuma y’aho abaganga baboneye ko yariko aratora mitende.

Bwari ubugira gatatu, umushingantahe Mandela aja mu bitaro mu kiringo c’amezi ane.

JPEG - 14.9 ko

Igihe yinjira ibitaro kw’igenekerezo rya 27 ry’ukwezi kwa gatatu, igihugu ca Afrika y’Epfo cari camenyesheje ko yari yanduye mu mahaha.

Perezida Nelson Mandela niwe yabaye umukuru w’Igihugu wa mbere w’umwirabure mu gihugu ca Afrika y’Epfo mu mwaka w’1994.

Arubashwe mu makungu yose kandi arazwi ku ruhara ntangere yagize rwo kugwanira ubungane hagati y’abanyagihugu.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.