Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nelson Mandela yasohotse ibitaro - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nelson Mandela yasohotse ibitaro

Nelson Mandela yasohotse ibitaro

dimanche 1er Nyakanga 2013

Uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Afrika y’epfo Nelson mandela yasohotse ibitaro yahoramwo kuva kuwa 8 Ruheshi umwaka w’2013, ariko avugwa ingwara y’amahaha. Nk’uko bimenyeshwa n’ibiro vy’umukuru w’igihugu muri Afrika y’epfo kuri uno munsi w’Imana, Nelson Mandela yaciye ajanwa muhira iwe, ariko n’ubu amagara yiwe ntiyifashe neza.

Kuva ku munsi w’ejo kuwa gatandatu, ibimenyeshamakuru vy’iburaya vyari vyatanguye kuvuga iyo nkuru y’uko Nelson Mandela yoba yasohotse ibitaro, ariko ibiro vy’umukuru w’igihugu ca afrika y’epfo birabibeshuza. Kuri uno munsi rero igenekerezo rya mbere Nyakanga, niho bemeza iyo nkuru nziza babicishije mw’itangazo bashize ahabona mu gatondo.

Ku myaka 95 y’amavuko, Nelson Mandela yasohotse ibitaro yari amazemwo amezi atatu. Muri iryo tangazo ryasohotse uno munsi, Leta ya Afrika y’epfo imenyesha ko amagara ya Nelson Mandela "Madiba" n’ubu atifashe neza, ariko ko abaganga biwe bazoguma bamukurikiranira i muhira iwe aho yajanwe, i Houghton.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.