Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nelson Mandela Yasubiriye kwinjizwa Ibitaro - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nelson Mandela Yasubiriye kwinjizwa Ibitaro

Nelson Mandela Yasubiriye kwinjizwa Ibitaro

dimanche 10 Ntwarante 2013

Perezidanse yo mu gihugu ca Afrika y’Epfo, yatangaje ko perezida Nelson Mandela, yaraye yinjijwe ibitaro kugira ngo asuzumwe.

Bavuga kandi kw’ivyo ar’ibintu vyari vyarategekanijwe n’abaganga biwe.

Umuvugizi wa perezidanse, Mac Maharaj, amenyesha kw’umushingantahe Mandela afise imyaka 94 yagiye mu bitaro vyo mu gisagara ca Pretoria, ejo ku musi wa gatandatu.

JPEG - 14.5 ko

Maharaj avuga kw’ata muntu akwiye gushira umutima hejuru mur’iki gihe abaganga bariko barasuzuma perezida Mandela yahoze atwara igihugu ca Afrika y’Epfo kandi yaronse agashimwe k’amahoro Prix Nobel.

Twobibutsa kw’umushingantahe Mandela yari yinjijwe mu bitaro mu kwezi kwa 12, yagize infection y’amahaha.

Mandela yarapfunzwe ikiringo c’imyaka ishika 30, kuko yari yiyamirije ya ntwaro karyanishamiryango yo mu gihugu ca Afrika y’Epfo, maze aca aba umutegetsi yaranzwe n’amahoro, mu gihe igihugu cahindura ubutegetsi, biciye mu nzira y’ intwaro rusangi.

Mu mwaka w’1994, niho yaba perezida wa mbere w’umwirabure mu gihugu ca Afrika y’Epfo.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.