Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nelson Mandela yitavye Imana : Afrika n’isi yose mu kigandaro - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nelson Mandela yitavye Imana : Afrika n’isi yose mu kigandaro

Nelson Mandela yitavye Imana : Afrika n’isi yose mu kigandaro

vendredi 6 Kigarama 2013

Amakuru y’uko Nelson Mandela yitavye Imana yatanzwe na Jacob Zuma, umukuru w’igihugu ca Afrika y’epfo. yamenyesheje ko Nelson Mandela yasezeye isi n’amahoro, ku rugo iwe i Johannesburg, ari kumwe n’abo mu muryango wiwe bari bamaze iminsi bakoraniye i muhira iwe

Hari haheze iminsi ibiri umukobwa wiwe Makaziwe Mandela, avuze ko Mandela akomeza kwifata rugabo n’aho amagara amukitse.
Mandela yari amaze igihe yitabwaho n’umurwi w’abaganga i muhira iwe, kuva aho atahaniwe akuwe mu bitaro mu kwezi kw’icenda.

Ubuzima bwa Nelson Mandela mu ncamake

Nelson Mandela yavukiye mu karere ka Transkei, yiga amashure yo kuba umushingwamanza muri kaminuza yari imwe rudende yemera abirabure ico gihe.
Yahavuye ashinga ANC (African National Congress), ico gihe wari umuhari wa politike, utacana uwaka na Reta karyanishamiryango ya Apartheid.

Nelson Mandela yaciriwe gupfungwa umunyororo w’ubuzima bwose kubera ivyo bikorwa vyiwe vya politike, ariko aca amara imyaka 27 mu mvuto.
Yarekuwe mu mwaka w’1990. Inyuma y’imyaka ine yahavuye aba umukuru w’igihugu wa mbere atowe biciye mu ntwaro rusangi (Démocratie) muri Afrika y’epfo.
Yatwaye ikiringo kimwe gusa c’imyaka itanu, ariko yakomeje kuba rurangiranwa mu makungu .

Abategetsi mu makungu bamuteye iteka

"Yahevye umwidegemvyo wiwe, yigura abandi kugira babone umwidegemvyo wabo" : Barack Obama.

Abategetsi bakomeye hirya no hino kw’isi babandanya guha icubahiro Nelson Mandela kuva aho bamenyeye urupfu rwiwe.
Umukuru w’igihugu Barack Obama yavuze ko Nelson Mandela yageze ku biruta ibishobora kwiterwa ku buzima bw’umuntu uwariwe wese.
Obama ati : "Yahevye umwidegemvyo wiwe kugira abandi babone umwidegemvyo".

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU Ban Ki Moon, yagereranije Mandela n’igihangange mu butungane, yabereye akarorero benshi kw’isi ku kurwana atiziganya urugamba rwo guharanira agateka, uburinganire n’ukwishira n’ukwizana.

JPEG - 35.6 ko
Nelson Mandela : "Imana imwakire mu bwami bwayo."

Umugambwe ANC wa Nelson Mandela wamenyesheje ko Afrika y’epfo n’isi nzima bibuze intwari y’akataraboneka, ikoranije kwifata ruto, guharanira uburinganire, ubutungane n’amahoro. Aho mwokwibuka uruhara yagize mu biganiro vyashikanye Uburundi ku masezerano ya Arusha, ari nayo yatumye intambara yari imaze imyaka myinshi ihagarara mu Burundi.

JPEG - 14.9 ko
Nelson Mandela aganira na Petero Buyoya (i bubamfu), hamwe na Yohani Minani (i buryo)

Egide Nduwimana

Messages

  • imana imwakire mubwami bwayo,mana hezagira africa

  • Ruhuka amahoro mutama Nelson Mandela. Abavuga ko uri intwari babizi hehe? Muraza mu Burundi tubabwire uruhara yagize mu masezerano y’amahoro, ari nayo yagarukanye umutekano n’umwumvikano mu gihugu. Mandela, abarundi twari gushima iyo uba ukiriho Lundi kugira inyuma y’imyiyerekano izobera i Bujumbura, uce uhanura abategetsi b’Uburundi bagondozwe, batunganye ibiganiro ku hinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro. je demande aux organisateurs de la Manifestation de ce Lundi de suspendre momentanement ce mouvement, en hommage a notre Hero Mandela. Ikinyamakuru IGIHE murakoze ku nkuru nshasha zizewe mutugezeho ku mwanya ku mwanya

  • URUHUKE AMAHORO WA MUVYEYI W’INTASUBIRIZWA KU BURUNDI.

  • RIP, we miss somebody important

  • Imana yo ntifyina, iramwakira nimba yarayikoreye araruhuka, ariko hamwe yoba yakoreye isi na satani, ubu aho murira nawe ariko arira atawumwumva. Ibuka Lazaro n’umutunzi. Twiririre rero.

  • Ijambo ry’IMANA rivuga riti:<Ntawushobora kurusha urukundo uwiguze abagenzi biwe>nguyo Umweranda Muberanda IMANA ihamagaye ngo anezerwe hamwe nayo mw’ijuru.nkasenga saba IMANA ngo iduhe abandi beranda nka Nelson Mandela.Amen

  • Turahombye Pe! Abanyafrika Turahombye Intwari. Turahojeje Cane Cane Umuryango Wa Nelson, Abanyafrika Hamwe N’isi Yose. Nelson Muruhukire Mubwami Bw’imana. Imana Ize Ibakire.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.