Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
New York: Abigeme baremerewe kugenda igikiriza kitambaye iyo (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > New York: Abigeme baremerewe kugenda igikiriza kitambaye iyo (...)

New York: Abigeme baremerewe kugenda igikiriza kitambaye iyo hashushe

lundi 3 Ruheshi 2013

Mbega vyoshoboka ko abagabo n’abagore bagira amategeko amwe abagenga ko twumva kw’isi yose hari ihinduka ku vyerekeye inganishwa ry’ibitsina abagabo bakagira amategeko abagenga co kimwe n’abakenyezi ,mbega ivyo vyoshoboka?

Reka turabire hamwe inkuru iherutse kubera muri Leta zunze Ubumwe za Amerika. Muri Leta zunze Ubumwe za Amerika abagore baremerewe kugenda igikiriza kiri hejuru, ata gahuzu bambaye muri ca gihe c’ici, aho ubushuhe buba ari bwinshi.

Itegeko ryo kuva mu mwaka w’ 1992 rikaba rivuga ko n’abagore bafise uburenganzira bwo kugenda igikiriza kiri hejuru aho hose abo bagabo n’abo nyene bafise uburenganzira.

Nk’uko bimenyerewe, abapolisi ba Leta zunze ubumwe za Amerika ntibakwirikiza iryo tegeko kuko bama bahagarika abigeme canke abakenyezi batembereye igikiriza kiri gusa.

Ariko rero ico gipolisi giherutse kuronka ikete ribasaba gukwirikiza iryo tegeko ryo kureka n’abagore n’abo bagatembera igikiriza kitambaye.
Ubu rero iyo abapolisi bahuye n’umukenyezi ari igikiriza cambaye ubusa, n’uko batoca bamuhagarika nk’uko bivugwa n’ikinyamakuru New york Times.

Naho kwerekana igikiriza ku mwigeme bituma abantu basamara, aho rero abajejwe umutekano bakwiye guca bashwiragiza isinzi ry’abantu hama bakazoca bafata ingingo zibereye.
Iciyumviro rero n’uko bashaka kurwanya ubushuhe ariko kubaharanira agateka k’abakenyezi, n’ukugira habeho ukungana kw ‘ibitsina ku bagabo n’abagore.

Mu gihugu c’Ubufaransa birabujijwe ko umuntu agenda mw’ibarabara hari ibihimba vy’umubiri bitambaye ku gutinya ko ahagarikwa kubera icaha. Ico caha kikaba gihanishwa hagati y’imyaka 3 gushika kuri itanu y’umunyororo .


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.