Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Neymar yatahukanye umupira w’inzahabu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Neymar yatahukanye umupira w’inzahabu

Neymar yatahukanye umupira w’inzahabu

lundi 1er Mukakaro 2013

Umukinyi ava mu gihugu ca Brezil Neymar niwe yatowe nk‘umukinyi wa mbere yarushije abandi mu mahiganwa y‘igikombe c’imirwi yabaye iyambere iwabo, aca ahabwa umupira w ‘inzahabu.

JPEG - 41.9 ko
Neymar

Umupira w ‘Ifeza wagiye mu gihugu ca Espange uhabwa umukinyi Andres Iniesta. Paulinho nawe yaronse umupira wo mu butare bwa bronze.
Umutariyano Andrea Pirlo, Umunya Urguey Luis Suarez n’umunya Espagne Sergio Ramos baratowe, ariko ntagashimwe baronse.

Ibirato vy’inzahabu vy‘umukinyi yatsinze ibitsindo vyinshi muri izo nkino vyaronkejwe umukinyi akomoka muri Espange Fernando Torres yatsinze ibitsindo bitanu.
Fred wo muri brezil nawe yarashikanye ibitsindo bitanu ariko agashimwe karonse Torres bisunze igitigiri c’inkino yakinye n’igitigiri c’iminota yashoboye gukina.
Julio Cesar wo mu gihugu ca Brésil yaronse inkingirabiganza (gants) z’inzahabu nk’umusamyi yarushije abandi muri izo nkino gufata ibitsindo vyinshi.

JPEG - 16.1 ko
Fernando Torres
JPEG - 55.4 ko
Julio Cesar

Prosper Ndayikeza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.