Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ngagara : Iduga ry’ibiciro vy’ibidandazwa riraraje ishinga abanyagihugu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Ngagara : Iduga ry’ibiciro vy’ibidandazwa riraraje ishinga abanyagihugu

Ngagara : Iduga ry’ibiciro vy’ibidandazwa riraraje ishinga abanyagihugu

mardi 13 Rusama 2014

Abasumira mw’isoko ya Ngagagara bavuga ko ubwanwa bafutse umunwa, mu gihe ibiciro vy’ibidandazwa biduga uko bukeye uko bwije, ndetse n’imvo y’iduga ry’ivyo bidandazwa ikaba idatahuritse nk’uko bamwe babiyagiye ikinyamakuru IGIHE.

Ibiharage vya Kirundo vyahora bisa n’ibikigurwa bukebuke, ubu bavuga ko bigeze ku mafaranga 1500 vyavuye kuma faranga 900, nayo ivyitwa jaune vyo ubu abanyagihugu bo muri komine ya Ngagara bakamenyesha ko bisigaye birya abifise, kuko ikiro cavuye ku mafaranga 1300 bija ku mafaranga arenga ibihumbi 2000. Abo banyagihugu, bagatangazwa n’iduzwa ry’ivyo biciro, aho bavuga ko bitangaje kuko inzara itagaragara cane mu ntara zisanzwe zimbukamwo ibiharage nka Kirundo na Muyinga.

Mukamenya ko abakozi bo mu mazu bo, bavuga ko ivyo biciro abakoresha babo bagiye kubitahura, bageze kure, kuko bari basigaye bagirizwa kunyotora ku mafaranga asanzwe akoreshwa mu gusuma ku munsi ku munsi. Iryo duzwa ry’ibiciro rero, rikaba ritagaragara muri iyo soko gusa, kuko n’iyo mu Ruvumera, bivugwa ko ibiciro vyadugijwe cane.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.