IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ngagara : Umunyabigega yibwe imiriyoni zirenga 50 babanje kurasa

Ngagara : Umunyabigega yibwe imiriyoni zirenga 50 babanje kurasa

mardi 27 Rusama 2014

Abasuma bitwaje inkoho bahagaritse imodoka yarimwo umukozi wa Station yo mu Cibitoke kuri Dorsal. Abo basuma bamutwaye amafaranga arenga imiriyoni mirongo itanu yari afise muri uwo muduga, bakaba babanje kurasa amasasu.

Mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri, umunyabigega wa Station y’ibitoro yo mu Cibitoke ahitwa kuri Dorsal yasahuwe amafaranga yari atwaye kubitsa muri banke. Nk’uko uwo munyabigega yari mu muduga nimero FA 3164 yaganiriye n’ikinyamakuru IGIHE avyivugira, umuduga warimwo abantu atashoboye kumenya wamukurikiye mu nzira yarimwo ariko ajana kubitsa amafaranga yadandajwe kuri iyo Station. Ageze mu Ngagara hafi y’ubunywero bita "Kwa Ntekumutwe", abo basuma bamutambitse imodoka barimwo imbere, babiri muribo baca barasohoka barasa amasasu hasi no hejuru, umwe muri abo basuma afise inkoho yo mu bwoko bwa Kalachinikov, uwundi afise iyo mu bwoko bwa Pistolet. Uwo munyabigega yaciye asohoka muri uwo muduga yarimwo anyaga amagara, abo basuma nabo baca bamusahura ayo mafaranga arenga imiriyoni mirongo itanu z’amarundi. Uwo munyabigega yasohotse aho yari yinyegeje abo basuma bamaze kugenda.

Abanyagihugu bari ngaho bamenyesha ko baguye mu gahundwe babonye abantu bahagarika imodoka bakoresheje inkoho izuba riva, bagatwara ayo mafaranga. Abanguruza abantu bakoresheje amapikipiki bagerageje gukurikira iyo modoka, ariko ikaba yagiye kubasiga barenganye mu Gihosha. Abari ngaho bose, hamwe n’uwo nyene kwibwa, nta n’umwe yashoboye gufata inomero ndangamuduga (Plaque) y’iyo modoka, bakaba kandi ata n’uwashoboye guca ikanda abo basuma.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.