Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ngendanwa ya Usher yuzuye umucanwa uvuye mu gitsina c’umukobwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ngendanwa ya Usher yuzuye umucanwa uvuye mu gitsina c’umukobwa

Ngendanwa ya Usher yuzuye umucanwa uvuye mu gitsina c’umukobwa

vendredi 5 Kigarama 2014

Umuririmvyi Asher yaguye mu gahundwe abonye umukobwa atanga umucanwa muri za ngendanwa biciye mu cuma yashize mu gihimba ciwe c’irondoka. Nawe vyaramufashije ko ngendanwa yiwe yari yazimye.

Usher yariko agendagenda mu gisagara ca Miami neza neza yitavye ibirori bise Art Basel, aho abanyabuhinga berekana ivyo bakora, akeneye umucanwa wa ngendanwa yiwe. Muri abo bariko berekana ibikorwa vy’ubuhinga vyabo, yashitse kuri Lena Marquise umukobwa afise ubuhinga bwo gutanga umucanwa kuri za ngendanwa (charger) akoresheje icuma kiri mu gihimba cirondoka ciwe.

Lena Marquise aba yicaye ku gatebe yambaye izuba asigurira abantu bari mu birori vya Art Basel ubuhinga bwiwe bwo gutanga umucanwa akoresheje urutsinga acomeka mu gihimba ciwe c’irondoka. Nk’uko Usher yari akeneye umucanwa kandi yongere arabe ubwo buhinga bushasha, uwo muririmvyi yaratangaye Lena Marquise amuhaye ngendanwa yuzuye umucanwa inyuma y’iminota 10 gusa ayicometse.

Lena Marquise arihisha amahera angana amadorari 20 (20$) hama inyuma y’iminota cumi ngendanwa iba yuzuye. Usher abibonye uko yahamagaye abagenzi biwe bose bari muri ivyo birori kuraba ico gitangaza c’umukobwa. Lena Marquise yaciye abamenyesha ko ashobora gushira umucanwa muri ngendanwa zibiri mu mwanya umwe.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.