Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ngozi : Abakunzi b’ihiganwa rya Rally bazobona ibirori baheruka haheze (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ngozi : Abakunzi b’ihiganwa rya Rally bazobona ibirori baheruka haheze (...)

Ngozi : Abakunzi b’ihiganwa rya Rally bazobona ibirori baheruka haheze imyaka 20

mercredi 23 Gitugutu 2013

Intara ya Ngozi izokwakira kuri uyu wa gatandatu no kuwa mungu ihiganwa ryo gusigana mu miduga bita « Rally », ihiganwa ryari rimaze imyaka mirongo ibiri ritaba mu gihugu c’Uburundi.

Abakunzi b’urukino rwo gusigana mu miduga "Rally" bazosubira kuratira ijisho mw’ihiganwa ryaheruka kuba mu Burundi mu mwaka w’1993. Muri uwo mwaka, harabaye ihiganwa twokwita rito kuko ryitabwe n’abahiganwa batashitse batanu. Inyuma y’intambara Uburundi bwaciye bwinjiramwo, ntivyabaye bigikunda ko ayo mahiganwa abandanya atunganwa kubera amabarabara n’umutekano bitari vyiza.

Ku munsi wa gatandatu no kuw’’Imana igenekerezo rya 26 n’irya 27 Gitugutu 2013, mu ntara ya Ngozi, mu Vyerwa niho iryo higanwa rizobera. Umurwi uriko utegura iryo higanwa umenyesha iyo izoba ibaye intango, ko bazoheza uburyo bubakundiye bakabandanya gutunganya amahiganwa nk’ayo, bongere bahimirize urwaruka gukunda urwo rukino.

N’aho batashoboye kumenyesha amazina y’abazohiganwa, umurwi uriko urategura iyo higanwa umenyesha ko ukwiyandikisha bimaze indwi yose, ko biteze abakwije ibisabwa n’amategeko bagera kuri cumi na batanu, bazoba bavuye mu bihugu bitatu, Uburundi, Urwanda, na Congo.

Ku kibazo c’umutekano w’abiyunguruza batari bamenyereye ayo mahiganwa abera mw’ibarabara, umurwi utegura iryo higanwa umenyesha ko bavyiteguriye mu kumenyesha iryo higanwa abanyagihugu bo mu ntara ya Ngozi no mu micungararo yaho. Umuduga umwe utari mw’ihiganwa uzobanza utangure imbere y’isaha ugenda uramenyesha ko ihiganwa rigira ritangure. Ku ruja n’uruza rw’imiduga mw’ibarabara, uwo murwi umenyesha ko amabarabara iyo miduga ihiganwa izocamwo azoba yugaye mu ntumbero yo kwirinda amasanganya.

Umurwi utegura iryo higanwa uhamagarira abanyagihugu bose bakunda urwo rukino kuzokwishikira mu vyerwa mu ntara ya Ngozi, baje kuratira ijisho mw’ihiganwa ryo gusigana ku miduga batari baherutse.


Egide Nduwimana

Messages

  • Muzabishyire online....

  • "No uwank’urukwavu, aremera ko ruzi kwiruka". Voila au moins une chose aba DD basumbije iyindi Migambwe, RALLY..!! Divertissement, montrer les realisations=ngo ivyo vyerekana ubuhizi bw’umugabo azi ico ashaka n’iyo agena. Exactement, nta rally ivurwa ahantu ata mutekano. Mugabo rero, nta vyera deeee. Abarundi turazi ko atawukunda imbeba bivanye n’amarorerwa zikora mu bigega. Bisubiye, birashika mu gitondo umuntu agasanga zamusemuye ku gitsintsiri. Niko birababaza, ariko benshi baramwenyura kuko batangazwa ni uko atavyumvise. Le secret est quoi? Eh bien, zisemura umuntu asinziriye kandi zihuha-fuuuuuuuuuuuu: PEPU. Abo rero bakunze kuvuga za mpene za kijambere imwe igurwa 3.000.000Fbu, ntazo bazokubita n’iryahumye kuko azoba ari ivumbi gusa. Amatwi ansumira, na l’ancien professionnel footballiste bresilien Bebeto bitagenze nabi, ni yo azoba ari.

  • iyoba télevision yuburundi yogiyeyo ikatwereka en direct uko biriko biragenda twae tutazoshobora kuhaba, abarundi oyeeeeeeeeee

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.