Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ngozi : Abana bari mukiruhuko ntibarera amaboko - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ngozi : Abana bari mukiruhuko ntibarera amaboko

Ngozi : Abana bari mukiruhuko ntibarera amaboko

vendredi 16 Myandagaro 2013

Abana bari mu kiruhuko mu ntara ya Ngozi, baca barondera utwo baba baradandaza mu ntumbero yo kudata umwanya wabo mu ngeso mbi zitandukanye nk’ubuhumbu, butandukanye, kuyerera, kuja kunywa inzoga, itabi, n’ibindi.

Niyonkuru Lino, umwana w’imyaka 11 aba mu Burengo, avuga ko avyuka minsi yose igihe c’isaha zibiri zo mugatondo, umuvyeyi wiwe nawe agaheza akamutegurira ivyema ahava ajana kudandaza mu gisagara ca Ngozi. Uyo mwana avuga ko minsi yose ikiruhuko gitanguye ari ukwo bigenda, ndetse na rimwe rimwe iyo ata vyirwa vyahabaye Niyonkuru avuga ko aja kudandaza ivyo vyema. Minsi yose bamutekerera udupfungo mirongo itanu, utwo natwo agaheza akatudandaza amafaranga ibihumbi bitanu. Nta munsi n’umwe arahomba, kandi nta n’ideni atanga. Abavyeyi biwe baramushimira, iyo amashure atanguye baca bamugurira ivyo aba akeneye vyose, ndetse bakamugurira n’uduhuzu twiza n’ibirato.

Uyo mwana rero akaba asaba abavyeyi ko mu bihe vy’uburuhuko boza bararonderera udukorwa abana babo, mu ntumbero y’ukubaha ibikorwa vyotuma badasamara ngo baje mu ngeso mbi. Ikindi asaba abana bari mu kiruhuko, n’ukwirinda ivyo vyose vyotuma baja mu ngeso mbi, bagakunda ibikorwa bahabwa n’abavyeyi.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.