Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ngozi: Mapepe ntagisubiye kubengwa kubw’agashimwe yahawe n’Umukuru (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ngozi: Mapepe ntagisubiye kubengwa kubw’agashimwe yahawe n’Umukuru (...)

Ngozi: Mapepe ntagisubiye kubengwa kubw’agashimwe yahawe n’Umukuru w’Igihugu

lundi 6 Rusama 2013

Kw’igenekerezo rya 1 Rusama 2013, igihe hariko harahimbazwa umunsi mukuru w’abakozi n’akazi, umukuru w’igihugu c’Uburundi nyakubahwa Petero Nkurunziza, yatanze ubushimwe butandukanye ku bantu bakoze kuruta abandi mu bisata bitandukanye.

JPEG - 32.6 ko

Mu baronse udushimwe, harimwo umusore yitwa Mapepe ava mu ntara ya Ngozi ari naho uwo munsi wahimbarijwe ku rwego rw’igihugu.
Uyo musore yumvise ahamagawe n’Umukuru w’Igihugu aratangara cane, ndetse ashira akaruru hejuru kuko ntavyo yari yiteze. Petero Nkurunziza aca amubwirako igitumye ashimirwa aruko yama yitaba ibikorwa rusangi aho bibereye hose aho mu ntara ya Ngozi.

Umukuru w’igihugu yasiguye ko agashimwe ahaye Mapepe atari aka Leta, ariko ko ari ak’ Umukuru w’Igihugu ku giti ciwe, ariko ako gashimwe kakaba katamenyeshejwe ako kanya.

JPEG - 47.9 ko

Mapepe ahejeje kwumva ko ari mu bashimiwe n’Umukuru w’Igihugu, twaramwegereye tumubaza uko yiteguriye kwakira ako gashimwe , yishuye ko anezerewe cane kandi ko agiye kwubaka inzu mu maguru masha, ace asubira kuresha umukobwa yaheruka kumubenga kuko yizeye ko ubuho, atazokwubahuka gusubira kumwanka na burya yashimiwe n’Umukuru w’Igihugu.

Mu guheraheza, twobabwira ko wegereye Mapepe ukamuyagisha akanya, wumva ari umuntu atera inkuru cane ndetse zitwengeje, benshi bakaba biyumvira ko afise ingorane mu mutwe.

JPEG - 48.8 ko

Joel Sengurebe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.