IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ngozi : Umukozi wa ONATEL yaburiwe irengero

Ngozi : Umukozi wa ONATEL yaburiwe irengero

jeudi 23 Ruheshi 2016, par Egide NDUWIMANA

Dieudonné GAHUNGU, umukozi wa ONATEL i Ngozi arakwije iminsi itandatu atawuzi irengero ryiwe. Umuryango wiwe ufise amakenga ko yoba yaranyurujwe mu nyuma akagirirwa nabi.

Nk’uko bivugwa n’umuryango wiwe, ijisho rya nyuma ni iryo ku munsi wa gatanu, aho Dieudonné GAHUNGU yari ku kazi, nk’igihe c’isaha cumi n’imwe z’umugoroba. Umuryango wiwe wararindira ko ataha ariko ntibamubona. Barahamagaye kuri ngendanwa yiwe, ariko akaba ata n’umwe yitaba.

Bukeye ku munsi wa gatandatu, baragiye ku kazi basanga ibiro vyiwe biruguruye, n’ipikipiki yahora akoresha ikaba itari aho ku kazi.

Umuryango wiwe yararondeje mu busho bwose, yaba ubw’i Ngozi canke mu gisagara ca Bujumbura, ariko bakaba baramubuze.

Uwo muryango wa Dieudonné GAHUNGU umenyesha ko utewe amakenga n’uko yoba yaranyurujwe, ugasaba igiporisi hamwe n’abandi bose babishoboye ko bofasha kugira uwo mu yaburiwe irengero aboneke.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.