IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ngozi: Umutama yishwe azira guharika umukenyezi wiwe

Ngozi: Umutama yishwe azira guharika umukenyezi wiwe

lundi 2 Kigarama 2013

Amatati yo mu muryango yoba ariyo ntandaro y’igandagurwa nta Deo Bucumi wo ku gasozi MUgende komine Nyamurenza intara ya Ngozi.

Uyo mutama binurwanurwa ko yagandaguwe n’umwe mu bahungu biwe afashanije n’umukwe wiwe, Deo Bucumi yagandaguwe mw’ijoro ryo kuri uyu wa 1 Kigarama uyu mwaka. Imbere y’uko uyo mutama yereka umukondo ijuru, akaba yari yavuze ko abamugandaguye ari umuhungu wiwe n’umukwe wiwe. Ico boba baramuhoye, akaba ari amatati yo mu rugo, aho yoba yari yaraharitse umugore wiwe, maze akazana uwundi.

Muri iyo ntara ya Ngozi amatati yo mu miryango co kimwe n’amatati y’amatongo akaba abica bigacika, aho hari abama bahasize ubuzima kubera ingorane y’izo ndyane. Abarongoye inzego z’umutekano, bakaba basaba abanyagihugu kutaza barihanira, canke ngo babandanye kuzimanganya ubuzima bw’abandi. Ubu abakoze iryo shano, bakaba baja bamaze gufatwa n’inzego zishinzwe umutekano kugira bagirweko amatohoza.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.