Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ni gute umuntu yogabanya imyitwaririko y’ubuzima ? - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ni gute umuntu yogabanya imyitwaririko y’ubuzima ?

Ni gute umuntu yogabanya imyitwaririko y’ubuzima ?

mardi 25 Ruheshi 2013

Kugira imyitwarariko ni bimwe mu bimenyetso vyerekana ko umuntu adatekanye muriwe bigaca bimutuma adashobora kuroranirwa muvyo aba ariko arakora.

Namba mu kibano canyu muba mu myitwarariko y’ubuzima, hari impanuro zerekanywe ko zishobobara kubanya ukwo kugira umwitwarariko urengeye.

1) Nimwanke ibibatuma mugira umwitwarariko

Ni murondere kwanka gutwarwa n’imyitwarariko. Akarorero, namba muri mukaguriro, mukarengerwa n’ubwinshi bw’abantu baho, murace muja ahandi hatari abantu benshi, kugira mugabanye ivyiyumviro vyokurengerwa n’ubwinshi bw’abantu.

2) Ni mutunganye umwanya wanyu

Namba mwama mucererwa ku mirimo yanyu, murafate akanya mwandike urutonde rw’uwo munsi wanyu. Dufate ko bibasaba nk’iminota 40 kugira mushike ku kazi, mwoba muva muhira hakiri kare? Murashobora gukemura ico kibazo mukugabanya kugira imyitwarariko, mwerekane ko vyose bigenda neza.

Namba naho mutaronka umwanya ukwiye wo gukora ivyo mwategerezwa gukora, vyose bishobora kuba biva k’ukungene mwoba mukora ibikorwa vyinshi icarimwe. M’urutonde rw’ivyo mwateguye gukora mu munsi umwe, ni murondere ivyankenerwa gusa abe arivyo mukora, ibindi muvyihoze.

3) Nimwirinde ibintu ataco bimaze

Akarorero, nimba nko gukina umukino rwa tennis bituma umutima wanyu adatunganirwa, nimureke kuwukina. Ashobora kuba atari n’ikintu mukunda, ivyo vyose n’ukuvyirinda mugakora ibibabangukiye kandi mwumva muguwe neza mugihe muriko murabikora.

4) Rondera akanya ko kuruhuka

Fate akanya ku munsi ko gutambuka muri mwenyene, mwirinde no kwiyumvira ku ngorane zoba zibabakiye.

5) Mwigirwe kure abantu babagora

Mushobora kuba muba mukibano harimwo abantu mutumvikana cane, ugasa muguma mushwana. Murabigirwe kure murondere abandi bantu bashobora kubibagiza ishavu mwari mufise.

6) Mureke kwigereranya n’abandi

Gushaka gusa n’abandi, gukora nk’ivyo abandi bakoze, kugira nk’ivyo bafise, kugiriranira ishari, n’inkwezi yu kugira imyitwarariko. Muragabe ntimugwe mu mutego mwirinde ivyo vyose bituma mushaka kuronka ibibabuza amahoro.

7) Nimwirinde gukora ibintu vyinshi icarimwe

Nk’akorero, namba muriko muragira umwimenyerezo hanze, nimuzimye za ngendanwa zanyu canke muzigize kure yoho muri. Canke, ashobora kuba ari ibintu ushobora gukorera icarimwe, aho twovuga gufungura urriko urababa imboneshakure. Muri ico gihe, wobanza ugafungura, imboneshakure ukayiraba uhejeje.

8) Rimwe na rimwe nimureke gukora na kimwe

Mureke kwiruka mukora ibitandukanye. Ni mwicare ahantu hamwe mutekane, ataco mwinona.

9) Bishoboka murondere uwubibafashamwo

Hari abanganga canke abandi bahinga muvy’imibereho bashobora kwigisha ukungene umuntu yogabanya imyitwarariko kuko ifise ingaruka mbi ku magara yacu. Zimwe mu ngaruka zivuye kugira imyitwarariko y’ubuzima irengeye, ni nko kudasubira kumererwa neza mu buzima no kwumva udasubira kuvyuka mu gitondo kugira ukore neza imirimo ya minsi yose.

Murarabe neza, igihe mubuze itiro, mumenetse umutwe, mugize ibicurane, canke mubabara mu nda ko bitoba vyavuye kumyitwarariko muzoba mwagize. Ishavu, umubabaro no kudatahura ibigushikira navyo bigaca bituma ugira uburuhe budasanzwe.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.