Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ni gute umuntu yoshobora guheba inzoga - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ni gute umuntu yoshobora guheba inzoga

Ni gute umuntu yoshobora guheba inzoga

jeudi 10 Nzero 2013

Ntivyoroshe guheba inzoga iyo uzikunda cane ariko birashoboka uti gute ?
Ingene umuntu yokwigenza ari wenyene
Iyo ukunda kunywa inzoga hanyuma ugafata ingingo yo kuziheba ,abahinga bavuga ko ikintu cambere wokora ari ukwirinda gufata mu minwe ikintu cose kirimwo inzoga kugira ntibikugerageze.

Ukitwaza amazi mu minwe canke ibindi binywobwa bitaboreza.Kubera umuntu anywa inzoga azinyoterwa cane umaze kwigira inama yo kuziheba mu misi yambere wonywa n’imiburiburi amazi canke iyindi mitobe itarimwo umwambiro.Aho rero ngo umuntu yonywa ama litiro ashika kuri atatu canke ane (entre 3 et 4 litres) kugira ntiyiyunvire ikibanza c’inzoga.Amaze kumenyera naho ngo yonywa hagati ya litiro imwe n’igice n’amalitiro abiri (entre 1½ et 2 litres).

Umuntu wese arafise uburyo bwiwe bwo guhagarika gukora ikintu , no ku nzoga ni gutyo nyene, ariko rero mu buryo ubwo aribwo bwose umuntu yakoresheje mu guhagarika inzoga arakenera kuronka ikintu akora mu mwanya yahora anywa mwo inzoga.

Urutonde rw’ivyo umuntu ashobora gukora muri uyo mwanya akaba ari uru :

1. Kwoga,gufungura ikintu, canke ugahamagara umugenzi kuri telefone mukaba muraganira
2. Gutembera ariko ukirinda ahantu hose hari ubunywero canke aho hose badandaza ibiboreza
3. Kwiyunvira ibihe bibi wabayemwo bitewe n’inzoga n’ingaruka mbi vyakugiriye
4. Kwiga gukorera canke kugendera mu mugwi urimwo abatanywa inzoga canke ukarondera abize ivy’imibano bakagufasha ,n’ibindi.

Ukwipfuza kunywa inzoga biza birakugarukamwo kandi bisaba ukwihangana gukomeye,ariko naho ico cipfuzo kiza gifise inguvu nyishi ntucike intege ngo uvuge ngo« ndananiwe» kuko bimara akanya gato iyo uvyiyumanganije ukabifata nk’’ikizira.

Uri mu bandi ho wokwigenza gute ?

Abahinga bavuga yuko uwahevye kunywa inzoga yokwigenza uku gukurikira:

1. Kuvugira ku mugaragaro ko wahevye inzoga
2. Kumenya imbere y’igihe ico umutumire wawe yaguteguriye
3. Kuvuga udatinya kandi udakekeranya ko utagisubira kunywa inzoga
4. Kubibwira uwo murikumwe umuraba mumaso kugirango umwunvishe ko ari ingingo ntabanduka
5. Kutunva ko wahemutse kuko wahevye inzoga
6. Kwirinda kuvuga ngo hanyuma,vuga uhubwo uti sinywa n’ijwi rishimitse.

Mwomenya kandi ko hari ibindi bintu birimwo umwambiro kandi bishobora kugirira nabi amagara y’abantu n’aho bitaboreza ivyo navyo nk’’ivyo abantu bakunze kwisiga ku mubiri kugira bamote neza nka parfum irimwo( alcool).Umuntu rero ngo mu kuyisiga yoreka gupompa ku mubiri wiwe ariko agapompa ku mpuzu yambaye kugira iyo parfum ntiyinjire mu mubiri wiwe.

Abo vyananiye guheba inzoga bavyipfuza tubipfurije kubishikako.


Marie Claire Ingabire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.