Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ni kubera iki twihuta kwibuka amasanamu kuruta amazina - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ni kubera iki twihuta kwibuka amasanamu kuruta amazina

Ni kubera iki twihuta kwibuka amasanamu kuruta amazina

mercredi 19 Ruheshi 2013

Bishikira ko umuntu ashobora kukwegera asa n’uwushaka kukumenya.Mwoba mwarabibonye ahantu? Birashika, ukamwibagira izina. Umwanya ugorana kurusha iyindi, nk’uko bimenyeshwa n’abashakashatsi bo mu kigo Sciencefriday n’abo mu kigo Slate.

Ica mbere, dukwiye kumenya ko ubwonko bwacu bwihutira gufata ivyo tubona kurusha nk’izina twumvise.Turi ibiremwa bibona nk’uko vyemezwa n’umushakashatsi E. Clea Warburton. Ubwonko bwacu bushobora cane gufata amakuru tubona kuruta ayandi makuru y’ubundi buryo bwose.

Ikindi kandi, isanamu niyo ya mbere umuntu ashobora gufata k’uwundi, kuruta ibindi nk’i gitsina ciwe, imyaka, ubwoko,…Hariho mbere akarere mu bwonko bwacu twovuga ko kabika amasanamu y’abantu uba waramaze kubona kandi ako karere kajejwe ivyo gusa.

Birashika ko ako karere kagira ingorane yo kwibuka amasanamu woba warabonye. Abantu bagira iyo ngorane boba barenga ibice bibiri kw’ijana kw’isi yose bashobora kwibuka gusa ibintu bama babona imisi yose, nk’iterefone agakombe ko kunywesha icayi canke imodokari, ariko ntibashobora kwibuka amasanamu, naho yoba ari ababanyi canke incuti.


Prosper Ndayikeza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.